Kuri uno w’Imana igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020,umurwi Messager Ngozi uzokwakira Flambeau du Centre mu rukino rw’umusi wa 25 w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere.Ni rumwe mu nkino zirindiriwe n’abatari bake mu bakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru hano mu Burundi.Imvo ya mbere ituma urwo rukino rurindiriwe cane kukaba ari uko Messager Ngozi irondera amanota atatu vyanka bikunda mu kwirindako Musongati ya kabiri ishobora kuyihamvya mu manota,aho bibonekako iyo mirwi 2 ariyo iriko iragwanira igikombe.Imvo ya 2 kukaba ari uko Flambeau du Centre ishaka kwisubiza agateka inyuma yo gutsindwa bikomeye ku nkino zibiri Iheruka gukina (yatsinzwe na Musongati 4-1 na Olympic Star 4-0).Iciyongera kuri ivyo kukaba ari uko Flambeau du Centre yipfuza kuronka intsinzi ya mbere iyikuye kuri Messager Ngozi kuko ivyo uwo murwi ukaba utarabikora kuva wakaduga mu cicaro ca mbere mu mwaka w’2017,tutibagiye ubukeba bukomeye bukunda kwibonekeza hagati y’imirwi isangiye Ishure ry’Inkino Le Messager,buri murwi ukaba uba wipfuza kwereka uwundi ko ariwo ukomeye.

Izi nizo nkino zimaze guhuza iyo mirwi mu cicaro ca mbere mu Burundi :

  1. Kuwa 15 Ntwarante 2020 : Messager Ngozi ?-? Flambeau du Centre
  2. Kuwa 06 Gitugutu 2019 : Flambeau du Centre 1-1 Messager Ngozi
  3. Kuwa 29 Kigarama 2018 : Flambeau du Centre 0-2 Messager Ngozi
  4. Kuwa 21 Gitugutu 2018 : Messager Ngozi 3-3 Flambeau du Centre
  5. Kuwa 14 Ndamukiza 2018 : Flambeau du Centre 0-1 Messager Ngozi
  6. Kuwa 05 Gitugutu 2017 : Flambeau du Centre 0-2 Messager Ngozi.

 

Messager Ngozi ifise intsinzi 2, Flambeau du Centre intsinzi 0, iyo mirwi ikaba imaze kunganya incuro 3.

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire