Inyuma yo kwumva inkuru mbi y’urupfu rwa Nyakwigendera « Umuvyeyi » w’Ishure Le Messager akaba yari n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, abatari bake vyarabahungabanije mu mitima yabo.Abakunzi b’inkino,aba hano mu Burundi ndetse no hanze,baribaza nimba abakinyi bo mu mirwi y’Ishure Le Messager boba barashoboye kwiyakira kugeza naho bashobora gukina inkino z’icicaro ca mbere n’ica 2 zitegekanijwe kuri uni wa gatandatu igenekerezo rya  20 Ruheshi 2020.

Muri Messager Ngozi,Jimmy Ndayizeye,umumenyereza mukuru,avugako bagerageje kuba hafi y’abakinyi kugirango ntibahungabane,yavuze ati :

« Tucumva inkuru mbi y’urupfu rw’Umukuru w’Igihugu twaciye duhagarika imyimenyerezo tuja mu kigandaro gushika ku musi wa mbere igenekerezo rya 15 kuno kwezi.Twarabonako gukina urukino rwa Inter Star rwo kw’igenekerezo rya 20 bigoye,ariko kubera batasubiye guhindura ikirangamisi,ico twakoze twaregereye abakinyi,turabaganiriza,turabahumiriza,twarakoreye cane kubijanye n’inyifato mu vyiyumviro vyabo (plan mental),kandi vyagenze neza ».

Jimmy Ndayizeye akizeza abakunzi b’uwo murwi ko urukino rwo kuri uno wa gatandatu bazorukina batekanye, « Imyimenyerezo naho yabaye iy’umwanya muto yagenze neza,rero urukino rwo kuri uno wa gatandatu turagwiteguriye neza,nta bwoba na bukeya ruduteye. »

Mu rukino rwo gutangura, Messager Ngozi wari wanganje na Inter Star (0-0) ku kibuga Intwari,mu kwezi k’8 mu mwaka wa 2019.

Ku bibuga vyose bizoberako inkino mu mpera z’ino ndwi bikaba vyasabweko haba umunotwa w’agacerere imbere yuko buri rukino rutangura mu ntumbero yo kwibuka Nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Inkino ziraba imirwi yo mw’Ishure Le Messager mu mpera z’ino ndwi :

Icicaro ca mbere :

-Messager Ngozi vs Inter Star, Ikibuga Urukundo (Ngozi),kuwa 6

Flambeau du Centre vs Bumamuru, Ikibuga Ingoma (Gitega),kuwa 6

 

Icicaro ca 2 :

 

-Messager Rumonge vs Les Eléphants,Ikibuga Ivyizigiro (Rumonge),kuw’Imana.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire