Abakinyi batari bake bari bagize imisi bagwaye batanguye gutora mitende ariko hari n’abandi bakigwaye kandi ari bakiremesha mu kibuga mu gihe baba bakomeye. Bamwe nabo muri Messager Bujumbura abandi muri Flambeau du Centre. Amezi ariko aregereza atatu kizigenza wa Messager Bujumbura agwaye. Yannick Nshimirimana, yababaye kw’ivi haciye amezi arenga abiri nkuko twabiyagiwe n’umuvuzi wa Messager
Inyuma y’igice ca mbere c’ikurakuranamwo mu gikombe c’Umukuru w’igihugu, ihiganwa Primus ligue rigiye kubandanya n’indwi ya 18. Nguru urutonde rw’inkino zizokinwa n’imigwi ya académie le Messager ikina icicaro ca mbere. Kuri uyu musi w’Imana igenekerezo rya 11 ruhuhuma 2018, Ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore Isaha umunani z’umuhingamo (14h), Messager Bujumbura izotana mu mitwe na
Mu murwi Flambeau du Centre, abakinyi bane bamaze ikiringo kitari gito badakina kubera ukugwara. Iruhande yabo bakinyi hariyongerako n’abandi bari bamaze ikiringo kitari gito badakina kubera ukugwara ariko ubu batanguye gutora mitende. Mwomenya yuko hari n’abababariye mu rukino rwabahuje na Aigle Noir kuruyu w’Imana uheze igenekerezo rya 4 Ruhuhuma mu gikombe c’Umukuru w’iguhugu. Harimwo