Ku musi wa gatandatu  uza niho hazoba inkino z’igice ca 2 gishira ica nyuma muri za nkino z’imirwi irondera kuduga mu cicaro ca 2.Umurwi Shalom FC wo mu ntara ya Ngozi ukaba uzotana mu mitwa na Telaviv FC wo mu gisagara ca Bujumbura.Umumenyereza wa Shalom FC avugako umurwi wiwe witeguriye cane urwo rukino,kandiko atagiciyemwo intsinzi bazoyironka na cane cane ko imirwi izotsinda muri izo nkino zo kuwa 6 izoca iduga mu cicaro ca 2,yavuze ati : « Ico ndiko ndakosora ni ukuntu abakinyi banje bahagarara mu kibuga,tuzorondere kugumana umupira,aho ntakizotubuza kwigenza neza ».Shalom na Telaviv FC zikazohurira ku kibuga Ingoma kiri mu gisagara ca Gitega.Kuri ico kibuga ni naho Shalom watsindiye AS Vita yo mu ntara ya Muyinga (7-3),ku musi w’Imana uheze mu rukino rw’igice ca 4 gishira ica nyuma.

Amidou Nduwimana aranavuga ikiriko kirabafasha kuronka intsinzi,

« Icanduhaye intsinzi ku nkino duheruka gukina ni integuro, kuko kumenyereza abana biroroshe cane.Iyo ubahaye icigwa gikwiranye n’imyaka yabo batahura n’ingonga.Ikindi naco,umupira ugezweho urashingira cane k’ubunyarutsi bijana n’ubuhinga.Ivyo bibiri rero nivyo nkorerako bivanye n’imyaka abakinyi banje bafise,aho rero bica binoroha iyo hageze gukoresha inguvu hamwe no mu mutwe ».

Uku niko inkino z’igice ca 2 gishira ica nyuma zitegekanijwe :

Kuwa 6, igenekerezo rya 04 Nzero 2020

– Isaha Umunani (14h00) : Shalom FC(Ngozi)-Telaviv FC (Bujumbura-Mairie), ikibuga Ingoma,

– isaha Umunani (14h00) : Saint Basile (Bujumbura-Mairie)-Garage Express(Gitega), ikibuga Makamba,

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français).

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire