Imodoka « MITSUBISHI EVO IV » niyo yonyene muri 5 zari zaserukiye Ishure Le Messager yashoboye guheza ihiganwa ryo gusiganwa n’imiduga  ryabereye mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 7 na 8 Kigarama 2019, iryo bise « Rallye de Ngozi ». Iyo modoka yariko iyongwa  na Faida Philibert ari kumwe n’uwumufasha  Pascal Ntirampeba « Lisuba »  ikaba yabaye iya 4 ku rutonde rusangi.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru,Faida Philibert akaba yarashimye uko ihiganwa ryagenze naho bagenziwe bagize ingorane z’ivyuma, « …ikibanza ca 4 ndagikesha Imana kuko mu bintu vyose ushize Imana imbere iragushoboza,ndashimira n’abamfashije mu myiteguro kuko nagiye ndahura n’ingorane nyishi …kubona ntabaye uwa mbere canke uwa 2 ,ubwa mbere ni uko tukiri bashasha muri runo rukino rwo gusiganwa n’imiduga, aho rero vyasaba ko tumenyera cokimwe n’abandi… ».

Faida Philibert avugako baravye umwanya muto bamaze bariko bariga urwo rukino, bashimishwa n’intambwe bagezeko, ati ejo ni heza : « Turashima aho tugeze kandi twongera dushimira Umukuru w’Igihugu wewe adahengeshanya imisi yose gufata mu mugongo ibijanye n’inkino, yari amaze gutanguza inkino nyishi, kubona yaranatanguje uru rwo gusiganwa n’imiduga naco ni ikintu gikomeye kuko murabonako ari urukino rukundwa cane…rero ejo ni heza kuri twebwe ».

Imodoka yabaye iya mbere ikaba ari iy’umurwi witwa Bukera Rally Team yariko inyongwa ya Valéry Bukera, mu kibanza cabaye ica 2 haje imodoka yaje iva mu gihugu ca Zambia yariko inyongwa na SINGH Munya Junior y’Umurwi DIRTSTAR Racing Team Zambia nayo mu kibanza ca 3 hakaba hashitse imodoka y’umurwi witwa GIANCA Rally Team yariko inyongwa na GIANCARLO Davite.

Ado Ndayegamiye ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mw’Ishirahamwe ritegura benayo mahiganwa hano mu Burundi akaba amenyeshako hazoca hakurikira ihiganwa ryitiriwe akarere ka Africa y’Ubuseruko, naho atamenyesheje neza na neza ukwezi rizoberamwo.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire