Ihiganwa rikuru Primus Ligue ryari ryabandanije n’umusi wa 22, kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 13
Ntwarante 2018. Messager Ngozi yavuye ahatemba ariko aratsinda, Messager Bujumbura nayo nyene
iratsinda eka na Flambeau du Centre iratsinda…

I Buganda mu ntara ya Cibitoke isaha indwi z’umuhingamo, Messager Bujumbura yari yakiriye Inter
Stars. Nubwo Messager Bujumbura itifashe neza ku rutonde, ntivyabujuje Messager Bujumbura
kwirahira Inter Stars ku gitsindo 1 ku 0. Messager Bujumbura yaheruka kuganya na Messager Ngozi
bisigura ko mu nkino 2 ifise amanota 4. Messager Bujumbura ica ikwiza amanota 21 inganya na Ngozi
City ariko ikaguma mu kibanza ca 14 ikishuzwa ibitsindo 11.

Uno musi nyene, isaha icenda ku kibuga ca Gitega, Flambeau du Centre yaheruka kunganya na
Musongati Fc basangiye igisagara, yari yakiriye Flambeau de l’Est yo mu Ruyigi. Urukino rutari rworoshena buhoro buhoro kuko vyaboneka ko imigwi yose yasa niyinganya ariko mu gice ca mbere Flambeau de l’Est ikaba yari yifatiye urukino aho yaninjije igitsindo ariko kikankwa n’umuhagarikizi bivanye nuko cinjijwe habaye ikosa. Ifashijwe na Enock Tumebalikiwa, umwe muri ba myugariro bo hagati kiremesha, vyabonetse ko Flambeau du Centre itanguye kugaruka mu rukino. Karim Niyonkuru (Messi), Alhamdou Umati na Yahya Sadiki ntako batagize mu busatirizi ariko ntivyakunda.

Igice ca kabiri, abakinyi ba Manirakiza Eric baje bazikenyeye hanabaho ugusubiriza. Ku munota wa 67’,
Radjabu Barayandema yasubiriye Yahya Sadiki. Ku mupira mwiza yarahawe na Radjabu, Alhamdou
Umati yinjije igitsindo ca mbere cahinduye vyose ku munota wa 81’ maze abakunzi ba Flambeau du
Centre bose bahagukurikira rimwe maze urukino rurangira ku ntsinzi ya Flambeau du Centre y’igitsindo
1 ku 0 bwa Flambeau de l’Est. Enock Tumebalikiwa ntiyashoboye kurangiza urukino inyuma yo
kubabazwa ku munwa, aca asubirirwa na kizigenza Hassan (Temba) yahora mu mvune. Karim Niyonkuru nawe ntivyakunze ko amara urukino, inyuma yo kwitanga cane, asohoka asubiriwe na Saleh Bizimana, inyuma y’ikibazo co guhema yaragize. Umukinyi akiri muto Idriss Bishaza akaba yashoboye gukina urukino rwiwe rwa mbere mw’ihiganwa Primus ligue kandi akaba yigenjeje neza ku ruhande rw’inyuma.

Umukinyi yaranze urukino ku ruhande rwa Flambeau du Centre ni Enock Tumebalikiwa, tutibagiye na
Karim Niyonkuru aza mu kibanza ca kabiri biboneka ko abandanije yigenza nkuko abikora, ashobora
kuba umusatirizi akomeye cane. Flambeau du Centre iciye ikwiza amanota 28 ikaguma mu kibanza
c’icenda ikaba yishuzwa ibitsindo 2.

Ku rundi ruhande, Messager Ngozi yariko ihura na Bujumbura City ku kibuga Urukundo c’i Buye mu ntara ya Ngozi. Urukino rwatanguye isaha icenda n’igice. Abatari bake bari bibazako Messager Ngozi itsindwa bivanye n’igitsindo yatsinzwe mu gice ca mbere. Igice ca kabiri, urukino rwahindutse cane aho
umusatirizi afatiye runini Messager Ngozi muri rino higanwa Ladislas Mpisemwoneza yinjiza igitsindo co kunganya. Mu minota itanu yanyuma yari yongewe niho Messager Ngozi, nkuko vyayigendeye ku rukino na Aigle Noir, yaronka igitsindo ca kabiri ciza cane biciye kuri Olivier Bayizere birangira ku ntsinzi ya Messager Ngozi y’ibitsindo 2 kuri 1 ca Bujumbura City. Messager Ngozi iracari kwisonga n’amanota 53 ikaba izigamye ibitsindo 24.

Divin Dushime, Académie le Messager.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire