Mu gihe ihiganwa Primus Ligue ririko rirarangira, imigwi izokoroka mu cicaro ca kabiri isa niyamaze ku munyekana, mu kurindira ko inkino z’umusi wa 29 ziba zose.

Messager Bujumbura yarigize imisi itorohewe, aho yari mu bibanza vyanyuma, ishobora kuguma mu cicaro ca mbere mu gihe yotsinda Flambeau du Centre, umugwi muvukanyi kuko isanzwe yose ari iya academie le Messager.

Ayo mahirwe abonetse inyuma y’urukino Ngozi City (yakwije amanota 30) itsinzemwo Inter Star (ifise amanota 26) igitsindo kimwe ku busa (1-0). Ibitumye amahirwe ya Messager Bujumbura (ifise amanota 27) yongerekana.

Mwomenya ko Messager Bujumbura izotana mu mitwe na Flambeau du Centre ku musi w’ejo wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018 ku kibuga Ivyizigiro mu Rumonge, isaha icenda.

Ku musi w’ejo nyene, i Ngozi, ntibizoba vyoroshe na gato aho Messager Ngozi isabwa gutsinda urukino ruzoyihuza na LLB S4A kugira yizere igikombe. Urukino rukazotangura isaha icenda ku kibuga urukundo.

Divin Dushime,
Academie le Messager

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire