Inyuma yo kwitaba Imana kwa Petero Nkurunziza,umukuru w’igihugu akaba n’uwashinze ishure ryigisha inkino Académie Le Messager,abenshi barabandanya kugira ico bamuvuzeko cane cane ico bazokwama bamwibukirako.Inyuma yo kwandika mu gitabo c’iteka co guhoza umuryango wiwe hamwe n’igihugu cose,uwurongoye Ishure Le Messager  Umushingamateka Athanase Hatungimana,batazira « Cokoloko » yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru aho yavuze vyinshi kuri Nyakwigendera Petero Nkurunziza,na cane cane kubijanye n’iryo Shure Le Messager.Cokoloko yatanguye avuga ati : « Mu gushinga ishure Le Messager mu mwaka w’2004 yari afise intumbero yuko abana bava mu miryango ifise amikoro make biga inkino mu guteza imbere ubuhinga baremanywe mu kunonora imitsi mu nyuma bakazoshobora kwiteza imbere hamwe n’imiryango yabo.Icipfuzo ciwe nyamukuru kwari uko mu mwaka w’2025 ica 4 c’abaciye muri iryo shure bazoba bashitse ku rwego mpuzamakungu »

.K’uwokwibazako ibikorwa bishobora kuzohungabana kubera urwo rupfu,Athanase Hatungimana avugako abakunzi ba Messager borema kuko atakizokwononekara, « Kw’izina ry’abarongoye Ishure Académie Le Messager,turemereye Nyakwigendera,Nyeneicubahiro,ko tuzokwitanga tutiziganya turi kumwe n’incuti n’abagenzi banyu bahora badushigikira mu ntumbero yo gushika kw’ihangiro mwari mwihaye,Imana imwakire mu bwami bwayo.»

Umushingamateka Athanase Hatungima yanditse muri ico gitabo c’iteka kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Ruheshi 2020 akaba yari yaherekejwe n’abarongoye ibigo bitandukanye vya Académie Le Messager, abarongoye imirwi itandukanye y’inkino ziri muri iryo shure,abahoze bafise imirimo muri iryo shure,abamenyereza,abaserukira abakinyi (capitaines) n’abandi,hari ku ngoro y’Umukuru w’Igihugu yitiriwe Ntare Rushatsi,iri mu gisagara ca Bujumbura.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire