Umurwi Messager Ngozi niwo murwi wonyene umaze kwinjizwa ibitsindo bike mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere hano mu Burundi ry’uno mwaka.Inyuma y’urukino rwa 27 (Vital’o 0-0Messager Ngozi),izamu ry’uwo murwi rikaba ryari rimaze kwinjiramwo ibitsindo 15,irya Musongati naryo rikaba ryari rimaze kwinjiramwo 20.Ivyo rero bikaba bifise ico bivako.Izamu rya Messager Ngozi rikaba ricunzwe n’umwe mu ba nyezamu bakomeye cane hano mu Burundi,Rukundo Onésime.

Ku myaka yiwe yegereza 23,Rukundo Onésime afise uburemere bw’ibiro biri hagati ya 75 na 80,uburebure bwababa 1,77 cm.Ico gihagararo ciwe kiramutuma ashobora guhagara neza mw’izamu ryiwe.Kimwe mu biranga Onésime kukaba ari ukurinda no kudakangwa n’abasatirizi b’umurwi baba bahanganye.Ivyo bibonekera cane ku mipira yo mu kirere,yaba iy’imiterekano (coup franc) canke yo mu mfuruka (corner),uwo munyezamu akunze kuboneka ari mu kirere,ukuboko kwiwe kurondera gukubita umupira mu kwirinda ko bashobora kumwinjiza n’umutwe.Rukundo Onesime arazwi cane kandi mu kuvugana cane n’abakinyi b’inyuma,birakunze no kuboneka ariko arabakarira mugihe bataba bakinye nkuko abishaka.Onesime Rukundo ni umunyezamu yama agavye,araboneka cane afashe ku mavi mu gihe umupira uba uriko urakinirwa mu gice c’ikibuga ca Messager Ngozi,akaba kenshi aba ariko yirinda imipira yomuterwa giturumbuka,na cane cane iyiciye hasi.

Ubwo buhinga nibwo butuma uwo mukinyi ashimwa na benshi,na cane cane mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi,mu mice yayo itandukanye.

Ibi ni vyo Rukundo Onésime amaze gushikako kuva agishika muri Messager Ngozi  mu mwaka w-2017.

-2018 : Yatwaye igikombe c’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Burundi.

-2018 : Ni ho yahamagarwa irya mbere mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 20.

-2018 : Ni ho yahamagarwa irya mbere mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 23.

-2018 : Ni ho yahamagarwa irya mbere mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abakuze (sénior).

-2019 :Yari mu murwi Nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 20 wakinye igice ca nyuma ca CAN 2019,ihiganwa ryabereye muri Niger (mu kwa 2).

-2019 :Yari mu murwi Nserukiragihugu w’abakuze(Senior) wakinye ihiganwa rya CAN 2019.Yagumanye n’umurwi mu nkino zo kwitegura zabereye i Doha mu gihugu ca Quatar(Mu kwezi kwa 5 n’ukwa 6).

2019 :Yari mu murwi Nserukiragihugu w’Uburundi w’Abatarenza imyaka 23 wakinye inkino nyafrica(Jeux Africains) mu gihugu ca Maroc (mu kwezi kw’8).

-N’ibindi …

Rukundo Onésime,uretse urukino rw’umupira w’amaguru,asanzwe ari umunonotsi (athlète) aho kubera inguvu ziwe,haciye imyaka itatu ariwe aba uwa mbere mu nkino z’amashure zo kwinonora imitsi,akaba akunze guhiganwa mu gutera ibuye riremereye “Lancer du poids”.Uwo mukinyi akaba ari mu mwaka uheza kw’ishure ryisumuye ryigisha ubuhinga, “Lycée Technique Moderne” riri mu gisagara ca Ngozi

Rukundo Onésime yamenyekane cane mu murwi Ngozi City ucitwa Olympic de Muremera,aho yanawufashije mu kuwuduza mu cicaro ca mbere.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire