Ni ubwa mbere Stade Urukundo ibereyeko urukino mpuzamakungu rwo ku rwego rwa CAF ni nabwo bwa mbere handujwe amafaranga menshi kuri ico kibuga gisanzwe cegukira Académie Le Messager.Nkuko tubihabwa n’abari bajejwe kugurisha amatickets nuko muri rusangi hinjiye amafaranga y’amarundi agera ku milioni mirongo itatu na zitatu n’ibihumbi amajana atatu na mirongo indwi(33,370,000 fbu).Ayo mafaranga ngo yari kurenga iyo ubwugamo A na B bushirwa ku giciro giciriritse,ni ukuvugako abarishe 20,000 fbu yo muri ubwo bwugamo babaye bake cane turavye mu bundi bwugamo.Stade Urukundo ikaba iri muzigiye kwakira inkino za za Cacafa z’abatarenza imyaka 17 hamwe n’urukino ruzohuza Uburundi na Ethiopie ku batarenza imyaka 20,izo nkino zose zikazoba mu kwezi kwa 4 kwimirije.

Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire