Ibihe umurwi Ngozi City urimwo muri kino gihe birateye impungenege abatari bake,benshi ndetse bakaba batanguye kugira ubwoba ko nka hamwe vyobandanya uko bimeze uwo murwi ushobora gusubira mu cicaro ca kabiri.Ku bisanzwe abakunzi ba cane b’umurwi Messager Ngozi abo bakunze kwita abafana birazwiko badakundanye cane n’aba Ngozi City (aha dufatira kubijanye no gukunda hamwe no gushigikira umwe muri iyo mirwi vyonyene).Aho bigeze,kukaba ari uko abo muri Messager Ngozi bamaze kugirira impuhwe benewabo bo muri Ngozi City bafatiye kubihe uwo murwi urimwo.Ivyo bikaba vyabonekeye k’ukuntu bashigikiye Ngozi City ku rukino rwayihuje na Ludia Ludic ku musi w’Imana uheze ku kibuga urukundo,naho n’ubundi Ngozi City watsinzwe igitsindo kimwe ku busa (0-1).Umwe mubagize umurwi nshigikiramurwi wa Messager Ngozi « Messager Ngozi Fans Club »,uwitwa Yvette Irankunda yaganiriye na Radio Umuco FM ikorera I Ngozi,ati: “Twebwe twashimye gufana Ngozi City kubera abafana ba Ngozi City umenga siho bari,umenga umurwi wabo ntawo bakunda,baguma bicaye,burya abafana duha ingoga abakinyi,bigatuma abakinyi bari mu kibuga bitanga cane”.Naho biri uko,uwo mwigeme avugako kubona uwo murwi uri mu bibazo muri kino gihe,vyoba biva ahandi,”…jewe sinzi biravana n’ibintu vyoba biri mu bakinyi,nk’utuntu tw’utugorane twoba turi mu barongozi b’umurwi”.

Yvette Irankunda yavuze kandiko ivyo gushigikira umurwi Messager Ngozi yabitanguye akiri muto, akavuga kandiko nayo azoba yubatse urwiwe azobibandanya ngo kuko bimuafsha vyinshi mu buzima bwiwe.

Umurwi Ngozi City umaze gutsindwa inkino zose 6 umaze gukina mw’iri higanwa ry’uno mwaka ryo mu cicaro ca mbere,ukaba ufise amanota ubusa kuri 18 mu kibanza ca nyuma ku rutonde rw’imfatakibanza,mu rukino rw’umusi w’7 ukazotana mu mitwa na Musongati wo mu ntara ya Gitega.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org(Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire