Ku myaka ibiri amaze ariko arakina mu cicaro ca mbere,umukinyi Akbar Muderi ni umwe mubariko baratanga icizere kidasanzwe mu murwi Messager Ngozi.Ku myaka yiwe yegereza 19,uwo mukinyi akaba afise igihagararo (1,75 cm) kimutuma akoresha ubunyarutsi butangaje mu kwirukankana umupira.Ubwo burebure bunamutuma kandi ashobora guhangana n’umukinyi uwari wese,bikanamufasha kwinjiza ibitsindo akoresheje umutwe,ku mipira y’imiterekano (coups francs) canke impira iterewe mu mfuruka (corners).Abenshi bihweje ukuntu uwo mukinyi akina,ntibatangwa kuvugako ataho ataniye na kizigenza wa Messager Ngozi,Urasenga Cédric Danny batazira “Kagabo”,aho bagafatira k’ukuntu uwo mukinyi azi kugumya umupira,kwinyuranganya mu bakinyi afise umupira (dribbles).Muderi Akbar akaba ashobora gusatira izamu aciye hagati ndetse no ku mpande.

Uwo mukinyi akaba amaze gutumwako mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi,Intamba mu Rugamba,akaba ari no mubaserukiye igihugu mw’ihiganywa rya Cecafa ry’abatarenza imyaka 20 ryabereye mu gihugu c’Ubudanda mu kwezi kwa Mukakaro 2019.

Muderi Akbar yatanguye gukina umupira w’amaguru ku myaka yiwe 6,akaba yatanguriye mu murwi Espoir FC w’I Buye muri Commune Mwumba,intara ya Ngozi.Yarakinye kandi muri Messager B Ngozi(Shalom FC).

Akbar Muderi akaba aboneka nk’umwe mu bakinyi ba kubu na kazoza ku murwi Messager Ngozi.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire