Ibiriko birashikira umurwi Messager Ngozi abenshi ntibatahura ivyo ari vyo,bakibaza ico bivako ntibagitahure cane cane ko ari umugwi watahukanye igiko c’ihiganwa riheruka.Ico bikoze,abarongoye umugwi ntibicaye,bakaba bariko baragerageza kwiga neza ingorane zihanze uwo murwi muri rino higanwa ry’uno mwaka.Nino muri iyo ntumbero kuri uno wa mbere harya mu nyubakwa za Stade Urukundo habereye inama y’abarongoye uwo mugwi,inama yari yatumiwemwo n’uwuserukira abakinyi(Capitaine) Cédric Danny Urasenga n’icegera ciwe(vice capitaine)Amin Abdul.Mu kiganiro yahaye Radio Umuco FM ikorera mu ntara ya Ngozi,uwurongoye umurwi Manirakiza Marc batazira Poshen yavuzeko hagiye kuba impinduka zikomeye cane kandi vuba cane,yagize ati: Twatanguye ihiganwa nabi,ahanini turabona ikibazo c’abakinyi benshi bakomeretse na cane cane ku ruhande rwo gusatira,rero tugiye kurondera abakinyi aho bari hose kugirango baze gufasha.

Ikindi Poshen avuga kijanye n’abamenyereza, …iyo umumenyereza atariko aratanga umwimbu ukwiye,ntakabuzako tuzana uwundi ashobora kugira ico ahinduye,bikaba biboneka ko Jean Jacques ashobora kuronka uwumufasha canke ndetse asubirizwe burundu.
Mu nkino icenda zihiganwa zimaze gukinwa,Messager Ngozi umaze gutsindwamwo zitanu,utsinda zibiri wongera utsindwa zibiri nyene,uri mu kibanza ca 13 n’amanota 8.Kuva uwo murwi wakaduga mu cicaro ca mbere(2012/2013) ni iryambere ugize umwimbu mubi mu nkino 9 za mbere z’ihiganwa.

Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire