Ku musi wa gatandatu canke ku musi w’Imana w’ino ndwi Umurwi Messager Ngozi uzotana mu mitwe n’umurwi Ngozi City ku rukino rwa 14 mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere.Ni muri za nkino bita “derebi” kuko zihuza imirwi isangiye igisagara.Hirya no hino mu gisagara ca Ngozi,inkuru ijanye n’urwo rukino ni imwe muziriko ziravugwa cane.Nivyo ko ari urukino ruzohuza umurwi wa mbere (Messager Ngozi) be n’umurwi wa nyuma (Ngozi City) ariko ivyo ntibiriko biraca intege na bukebuke abakunzi ba Ngozi City aho bo bemezako vyanka bikunda urwo rukino Ngozi City itegerezwa kurutsinda.Turi ku musi wa 3 igenekerezo rya 13 Munyinyo,yicaye imbere y’imfungurwa ziwe,mu buriro “Dusangire” bukundwa cane n’abakinyi hamwe n’abakunzi b’inkino,iruhande yiwe hicaye Umusatirizi wa Messager Ngozi Iddy Museremu,ariko we niho agishika.Umukunzi wa Ngozi City yagabishije Iddy Museremu muri ano majambo: “Nivyo ko umurwi wacu uri mu kibanza canyuma,ariko ivyo ntaco bitwaye,urukino tuzorutsinda kandi ushima bizoba binakomeye wewe urukino ntuzorumara,nawe urazi uko derebi zihora zigenda”.Iddy Museremu nawe yamwishuye: “N-imirwi iri mu bibanza vyiza ntifise icizere kingana n’ico,ariko ndagutahura kuko iyo ni imvugo y’abafana”.Hirya no hino haba mw’isoko,mu bibanza bihuriramwo abantu benshi,ku mashure…urwo rukino rukaba ruriko ruravugwa cane.

Kuva Ngozi City iduze mu cicero ca mbere,hari mu mwaka wa 2015, iyo mirwi imaze guhura incuro 8.Murizo,Messager Ngozi imaze gutsinga iicuro 5,Ngozi City incuro 2 be n’urukino rumwe habaye ukunganya.

Irabire uko izo nkino zagiye ziragenda:

Ihiganwa rya 2015-2016 :

1)30-12-2015 : Olympic Muremera 2-1 Messager Ngozi

2)20-01-2016 : Messager Ngozi 3-1 Olympic Muremera

Ihiganwa rya 2016-2017:

3)11-12-2016: Messager Ngozi 3-1 Ngozi City

4)14-01-2017: Ngozi City 0-0 Messager Ngozi

Ihiganwa rya 2017-2018:

5)30-09-2019: Messager Ngozi 1-0 Ngozi City

6)05-05-2018: Ngozi City 1-2 Messager Ngozi

Ihiganwa rya 2018-2019:

7)23-09-2018: Ngozi City 3-1 Messager Ngozi

8)14-04-2019: Messager Ngozi 3-0 Ngozi City

 

Messager Ngozi umaze kwinjiza ibitsindo 14 nayo Ngozi City ibitsindo 8.

Ku rupapuro bibonekako Messager Ngozi ufise amahirwa kuri urwo rukino ariko nkuko babivuga “derebi” zama ari inkino zigoye haba ku murwi uri imbere no k’uwuri inyuma.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

 

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire