Gukina inkino zo hanze kenshi ntibikunda kworoha ugereranije n’ikino umurwi ukinira ku kibuga cawo.Umurwi Messager Ngozi ni umurwi ukunda kworoherwa no gukinira ku kibuga cawo Urukundo ariko waja hanze bigakunda kugorana cane ko uhakura amanota 3.Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 12 Gitugutu 2019,inyuma y’urukino rwari ruhejeje guhuza Athletico Academy na Messager Ngozi,ku kibuga Intwari,Jimmy Ndayizeye umumenyereza wa Messager Ngozi yarishuye ku kibazo c’umumenyeshamakuru aho yari amubajije nimba hari ivyahindutse mu murwi kuko mugihe giheze uwo murwi watsinda gake inkino zo hanze.Jimmy Ndayizeye yishuye ati : « Ego ico kintu ngishika muri Messager Ngozi naracumvise, n’abantu barabivuga yuko Messager Ngozi inkino kenshi z’i Bujumbura n’ahandi zakunda kubananira ariko kuri jewe ikintu nshiramwo abakinyi ni uko iwanje ata rukino rwo hanze canke rw’iwacu,inkino zose ndazifata cokimwe,ni ukwiha icizere mugakina umupira nico kintu nagerageje kubashiramwo… ».Kuri urwo rukino Messager Ngozi warashoboye gutahukana intsinzi ya 2 kuri 1 ariko vyarabonetseko urwo rukino rwawugoye cane dufatiye ku gice ca kabiri carwo.

Messager Ngozi niwo murwi wonyene utaratakaza urukino na rumwe kuva ihiganwa ry’uno mwaka ritanguye.Ku nkino 4 umaze gukinira ku bibuga atari Urukundo,watsinzemwo 2 unganya 2,nazo ni izi :

  1. Inter Star 0-0 Messager Ngozi, Ku kibuga Intwari
  2. Bumamuru 0-2 Messager Ngozi, Ku kibuga Intwari
  3. Flambeau du Centre 1-1 Messager Ngozi, Ku kibuga Ingoma
  4. Athletico Academy 1-2 Messager Ngozi, ku kibuga Intwari

 

Ico bikoze,inkizo 5 Messager Ngozi imaze gukinira ku kibuga Urukundo ukaba warazitsinze zose, nazo ni:

  1. Messager Ngozi 4-1 Olympic Star
  2. Messager Ngozi 1-0 Musongati FC
  3. Messager Ngozi 6-0 Les Lierres FC
  4. Messager Ngozi 2-1 Vital ‘ô
  5. Messager Ngozi 1-0 Aigle Noir

 

Twibutseko umwaka Messager Ngozi watahukana igikombe c’ihiganwa ry’icicaro ca mbere (2017-2018) utigeze utsindirwa na rimwe ku kibuga Urukundo.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire