Ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere mu Burundi ririko ribandanya mu mpera z’ino ndwi aho rigeze ku musi waryo wa 29.Umurwi Messager Ngozi uzokwakira kuri uno wa gatandatu Inter Star ku kibuga Urukundo.Ni urukino rwitezwe n’abatari bake bivanye nuko rushobora gutangirwako igikombe ku murwi Messager Ngozi; ivyo bikaba vyoshoboka mu nzira zitatu, twihwejeko igikombe uwo murwi ukigwanira na Musongati FC:

  1. Messager Ngozi itsinze Inter Star:uko vyogendera kwose Musongati ntacohinduka,Messager Ngozi yotahana igikombe.
  2. Messager Ngozi na Musongati yose itsinzwe inkino zayo: Messager Ngozi yoguma isumvya amanota 3 Musongati,naho yotsindwa ku rukino rwa 30 ntivyoyibuza gutwara ico gikombe.
  3. Messager Ngozi na Musongati yose inganije inkino zayo: N’ubundi Messager Ngozi yoguma isumvya amanota 3 Musongati,naho yotsindwa ku rukino rwa 30 ntivyoyibuza gutwara ico gikombe.

Amakuru ava mw’Ishirahamwe ry’Umupira w’Amaguru mu Burundi,FFB,akaba yemezako igikombe kizoba cazanywe ku kibuga Urukundo,bakazoca bakironsa uwo murwi nka hamwe imwe mu nzira 3 twababwiye izoba yashobotse.

Umurwi Musongati nawone ukaba uzokina kuri uno wa gatandatu, aho uzogendera Kayanza United ku kibuga Umuco kiri ku murwa mukuru w’Intara ya Muyinga.

 Urutonde rwuzuye rw’inkino:

Kuwa gatanu igenekerezo rya 19 Ruheshi 2020 :

-15h30 : Burundi Sport Dynamique vs Ngozi City,Ikibuga Urunani (Cibitoke)

-15h30 : Olympic Star vs Les Lierres FC, Ikibuga Umuco (Muyinga)

 

Kuwa 6 igenekerezo rya 20 Ruheshi 2020, isaha Icenda n’igice (15h30)

 

-Aigle Noir vs Bujumbura City, Ikibuga Peace Park (Makamba)

Flambeau du Centre vs Bumamuru, Ikibuga Ingoma (Gitega)

-Kayanza United vs Musongati, Ikibuga Umuco (Muyinga)

-Messager Ngozi vs Inter Star, Ikibuga Urukundo (Ngozi)

-Rukinzo FC vs Athletico Academy,Ikibuga Urunani(Cibitoke)

-Vital’o vs Lydia Ludic, Ikibuga Intwari (Bujumbura).

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire