Umumenyereza mukuru w’umurwi Messager Ngozi ntiyashimishijwe na gato n’ukuntu abakinyi biwe bigenjeje ku rukino rw’ubugenzi batsinzwemwo na benewabo ba Flambeau du Centre y’i Gitega ku musi w’Imana uheze wa 24 Rusama 2020,ku kibuga Ingoma.Jimmy Ndayizeye yabwiye abamenyeshamakuru ko abakinyi biwe babuze ukwiyemera “confiance”,hakaba habonetse gutakaza imipira cane.Jimmy Ndayizeye akavugako ku ruhande rw’inyuma naho hari hameze nabi cane.Yavuze ati : “Ku ruhande rw’inyuma habonetse ingorane zikomeye,umukinyi Temba(Radjabu Mvuyekure) yahora arwaye,ngirango ntaragarukana inguvu,hakaba Franck Congera ari mu kigandaro,Hamza ararwaye hakiyongerako abakinyi batigeze baboneka nka Iddy Museremu,Ismael…uravye uko ibitsindo vyinjiye bisa nuko ari twebwe twabihereye,kuvy’ukuri inyuma bari bahagaze nabi…”Abajijwe nimba mu kiringo c’indwi imwe gusa hari ivyoba vyakosowe yishuye ati “Nivyo hariho vyinshi vyo gukosora ariko tugiye gukora cane kugirango ino ndwi ihere vyose vyasubiye ku murongo,ni udukosa dutoduto ariko dushobora kuvamwo ingorane,ivyo vyose tugiye kubiraba”.

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 31 Rusama 2020 umurwi Messager Ngozi uzokwakira Burundi Sport Dynamique ku kibuga Urukundo,urukino rwo ku musi wa 28 w’ihiganwa.Nka hamwe Messager Ngozi wotahukana intsinzi kuri urwo rukino bigaca bihurirana nuko Lydia Ludic woba watsinze Musongati,Messager Ngozi woba ukwije amanota yo gutahukana igikombe c’ihiganwa ry’uno mwaka naho wotsindwa inkino 2 zizoba zisigaye.

Izi nizo nkino zitatu uwo murwi usigaje gukina:

-Kuw’Imana igenekerezo rya 31-05-2020: Messager Ngozi-Burundi Sport Dynamique,ikibuga Urukundo

-Kuw’Imana igenekerezo rya 21-06-2020: Messager Ngozi-Inter Stars,ikibuga Urukundo

-Kuwa 6 igenekerezo rya 27-06-2020: Olympic Star-Messager Ngozi,ikibuga Umuco.

 

Messager Ngozi uri mu kibanza ca mbere n’amanota 55 inyuma y’inkino 27,mu kibanza ca 2 hakaba haza Musongati ufise amanota 52.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire