Ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 05 Nzero 2020, umurwi Lydia Ludic waratsindiye Messager Ngozi ku kibuga cawo Urukundo (0-1) ku rukino rwa 16 mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere.Ni igitsindo cinjijwe n’umukinyi yitwa Pepe ateye bimwe bita « penaliti » mugihe wenyene bari bahejeje kumukorera ikosa muri ca gice cegereye izamu bita « Mukorumbone », ku munota wa 38.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru,inyuma y’urwo rukino,Jimmy Ndayizeye,umumenyereza mukuru wa Messager Ngozi,yavuzeko umurwi wiwe utigenjeje neza kuberako ufise abakinyi benshi batakinye kubera kurwara,yagize ati «(…) uno musi abakinyi twari dufise benshi ni abana uravye nka Yassine canke Arthur,mu kibuga wabonako babura ukwiyizera,ibura ry’abakinyi 4 canke 5 turabonako ryadukozeko(…)abo bakinyi ni nka Iddy Museremu,Nizigiyimana Ismael,Nesta ariwe Mugisha Steven,Tonny,Jean Jacques,Pavel…ariko turizeyeko ku rukino ruzokurikira nka batatu bashobora kuzoba bagarutse »

Mu nkino 4 Messager Ngozi uheruka gukina, ufisemwo amanota atarenga 2 kuri 12, Jimmy Ndayizeye akaba yemezako mu murwi hari utugorane, « Ego nivyo uravye ingene twasozereye agace ko gutangura,ku nkino 3 zanyuma twaronse amanota 2 n’ubu tukaba dutanguriye k’ugutsindwa kandi ku kibuga c’iwacu,ariko kiretse ico kibazo c’abakomeretse nta kintu kininiya kirapfa,turacasigaje inkino 14,tugiye kwitegura turabe nk’ahari ikibazo,tugerageze gukosora… »

 

Uku niko inkino 4 Messager iheruka gukina zagenze :

 

-Messager Ngozi 1-1 Ngozi City

-Kayanza United 2-0 Messager Ngozi

-BS Dynamic 1-1 Messager Ngozi

-Messager Ngozi 0-1 Lydia Ludic

 

Gutakaza urwo rukino rwa Lydia Ludic vyatumye Messager Ngozi inatakaza ikibanza ca mbere,co kikaba cagiyemwo Musongati FC inyuma yo gutsinda Les Lierres FC 3-1,ica ikwiza amanota 33,Messager Ngozi ya 2 ifise 32 nayo Flambeau du Centre,inyuma yo kunganya na Bujumbura City (0-0) ikaba yagumye mu kibanza ca 3 n’amanota 30.

Ku rukino rw’17, Messager Ngozi izokwakira Rukinzo FC ku kibuga Urukundo,ku musi w’Imana igenekerezo rya 12 Nzero 2020,kuri uwo musi nyene Flambeau du Centre ikazoba iriko yakirira Vital’o ku kibuga Ingoma,mu gisgara ca Gitega.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français).

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire