Umurwi Messager Ngozi uzokwakira kuri uno w’Imana umurwi Dynamique wo mu gisagara ca Bujumbura,mu rukino rwo ku musi wa 28 w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere.Ni urukino rukomeye canke ku mpande zose ;Messager Ngozi ukaba wipfuza kurutsinda kugirango ubandanye uri mbere ya Musongati,iyo mirwi 2 yonyene ikaba ariyo yonyene isigaye igwanira igikombe c’ihiganwa.Umurwi Dynamique nawo ukipfuza gutsinda urwo rukino kugirango urabeko woguma mu kibanza ca 3 canke n’imiburiburi mu mirwi 4 ya mbere,namwaburya imirwi Aigle Noir na Vital’o iri inyuma yawo ku nota ritarenze rimwe.

Mu nkino 2 z’ubugenzi umurwi Messager Ngozi uheruka gukina ntizagenze neza (wanganije na New Oil 1-1,utsindwa na Flambeau du Centre 2-1),umumenyereza Jimmy Ndayizeye yavuzeko hariho ikibazo c’abakinyi batari bwasubire kumenyera kuko bari bamaze imisi itari mike badakina,ariko nko ku rukino rwa Flambeau du Centre harabura abakinyi batari bake harimwo na cane cane abo mu gice c’inyuma.Uwari yavuzwe cane ni Frank Congera atakinye kuko yari mu kigandaro inyuma yo kubura umuvyeyi wiwe.Ariko rero ni inkuru nziza kubamenyereza b’uwo murwi kuko uwo mukinyi yagarutse mu myimenyerezo kuva ku musi wa gatatu w’ino ndwi,ndetse bikaba vyitezweko ashobora gutangura mu kibuga ku rukino rwo kuri uno w’Imana.Naho biri uko,Kagoma Jean Berchmans,umwe mu bavuzi b’uwo murwi,avugako mu bakinyi bahora barwaye ata n’umwe yashoboye gukira kugezaho yokina,ni mugihe vyari vyitezweko uwundi mukinyi w’inyuma Hamza Nyanzira agaruka.

Mugihe Messager Ngozi wotsinda urwo rukino woca ukwiza amanota awuha igikombe ariko vyokunda  ari nka hamwe vyoba vyahuriranye nuko umurwi Musongati woba watsinzwe na Lydia Ludic ku rukino ruzobera ku kibuga Ingoma,mu gisagra ca Gitega.

Mu rukino rwo gutangura (aller) rwabereye ku kibuga Intwari,mu gisagara ca Bujumbura Dynamique na Messager Ngozi ikaba yari yanganije kimwe ku kindi (1-1).

Isango ni ku kibuga Urukundo kuva igihe c’Isaha Icenda n’Igice z’umuhingamo (15h30).

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire