Umurwi Messager Ngozi waratsinze  Rukinzo (3-0) ku musi wa 6 igenekerezo rya 02 Munyonyo 2019 ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura,urukino rw’umusi wa 12 w ‘ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Burundi.Imbere yuko urukino ruba,bamwe mubakunzi b’umurwi Messager Ngozi bari bagize amakenga kuri uwo murwi bafatiye kubakinyi batari bake batari ku rutonde rw’abakina.Aganira n’abamenyeshamakuru urwo rukino rurangiye,Jimmy Ndayizeye umumenyereza mukuru wa Messager Ngozi yavuze ati : « Nivyo ko twakinye runo rukino tubura abakinyi batari bake,ariko Messager Ngozi ni umurwi ufise abakinyi benshi kandi beza,n’abasubirira abandi barahari,bisigurako habuze abakinyi babiri canke batatu ata ngorane n’imwe bishobora kudutera,abasubirira abandi bariho kandi beza ».

Abakinyi batari kuri urwo rukino kandi bari mubasanzwe bakunze gutangura mu kibuga ni abakinyi b’inyuma Steven Mugisha, Jaffari Niyongere na Amini Abdoul « Nomono »,babiri ba mbere bari barwaye nayo uwo wa gatatu yari yahagaritswe kuri urwo rukino kubera gukwiza amakarata atatu y’umuhondo.

Bimwe mu bituma uwo murwi udakunze kugira ikibazo c’abakinyi kukaba ari uko benshi ubakura mu mirwi mitoya yawo na cane cane Shalom FC na Arabica FC.

Mu bitsindo bitatu vyabonetse kuri urwo rukino, Iddy Museremu yinjijemwo 2 nayo Yassin Dushime yinjiza kimwe.Iddy Museremu akaba yaciye akwiza ibitsindo 9 muri rino higanwa ry’uno mwaka ku nkino 10 amaze gukina,akaba ari nawe afise ibitsindo vyinshi gusumba abandi.Inyuma y’iyi nstisnzi,Messager Ngozi waciye usubira gufata ikibanza ca mbere c’ihiganwa n’amanota 27,ukurikirwa na Flambeau du Centre ufise amanota 26.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 09 Munyonyo 2019 Messager Ngozi ukazotana mu mitwe na Lydia Ludic Burundi, ihiganwa rikazoba rigeze ku musi waryo wa 13.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire