Kubwa kizigenza wa Messager Ngozi, Urasenga Cedric Danny azwi kwitazirano Kagabo, ngo haracariho
icizere co gutahukana ihiganwa rikuru Primus ligue ry’uno mwaka w’2017 ushira uw’2018. Ivyo
yabimenyesheje inyuma y’urukino rw’igice c’umunani gishira icanyuma mu gikombe c’umukuru
w’igihugu rwahuje Messager Ngozi na Olympique Star aho wasezeye ihiganwa utsinzwe igitsindo kimwe
ku busa 1-0, kur’uno wa gatatu uheze igenekerezo 2 Rusama 2018 ku kibuga Ingoma y’I Gitega.
Vyatumye Messager Ngozi isezera ihiganwa ikaba ari nayo yonyene yarisigaye mu migwi ine ya
academie le Messager yari yitabiriye iri higanwa.
Kubijanye nuko umugwi Olympique Star usigaye ugora Messager Ngozi inyuma yo kuyitsinda mu rukino
rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2017, bisubiye iyo migwi ikaba izokina
urukino rw’umusi wa nyuma w’ihiganwa Primus ligue, Cedric Danny ati: “Muri Football nuko bimeze.
Uno musi umugwi urawurusha, ejo nawo ukakurusha arinayo mpamvu tutovuga ko utugora cane.
Kubona wadutsinze ntibisigura ko twohebura ko uzobandanya udutsinda”.
Ku bwiwe, ngw’abakunzi ba Messager Ngozi borema kuko ngo bigishoboka ko batahukana ihiganwa.
Tubibutse ko Messager Ngozi ikiri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rikuru Primus Ligue mu gihe
hasigaye inkino zitatu gusa ngw’ihiganwa rirangire.

Divin Dushime
Academie Le Messager

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire