Ihiganwa ry’icicaro ca mbere rigiye gusubira kubandanya kuva kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2020,ariko umurwi Messager Ngozi ukazokina ukukino rwawo rwa 28 ku musi w’Imana igenekerezo rya 31,aho uzokwakira Burundi Sport Dynamique ku kibuga Urukundo.Biribazwa nimba Jimmy Ndayizeye ashobora kuzokwikora ku  bakinyi bamaze imisi barwaye,benshi mu bakunzi ba Messager Ngozi bakaba bipfuza kumenya amakuru y’umukinyi w’inyuma Lewis Vyizigiro amaze ikiringo c’umwaka n’amezi atatui adakina kubera ukuvunika ukuboko kwiwe kw’iburyo.Jean Berchmans Kagoma,umwe mubavuzi b’uwo murwi,avugako uwo mukinyi yamaze gutangura imyimenyerezo,ahanini akaba yatanguriye ku myimenyerezo ya wenyene,ariko rero ngo ntiharagerako bamukinisha bivanye nuko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Rusama 2020 abavuzi bamukuyemwo icuma cahora gishigikiye amagufa y’ukuboko ku gice cari cababaye,ayo magufa akaba yarakomeye.Igihe co gusubira mu kibuga nyezina kikaba kitaramenyekana.Kagoma yavuze kandiko hari abandi bakinyi 4 bafise uburwayi butandukanye bashobora kutazosubira gukina mw’ihiganwa ry’uno mwaka.Abo nabo ni:

  1. Umukinyi w’inyuma i buryo Pavel Irakoze:aheruka gutonekara ku mitsi y’inyuma yo kw’ivi ry’ukuguru kwiwe kw’iburyo.Igihe ashobora kugarukirako ntikizwi.
  2. Umukinyi w’inyuma i bubamfu Hamza Nyanzira:afise ibicurane n’ubushuhe.Igihe ashobora kugarukirako ntikizwi.
  3. Umukinyi wo hagati azibira Irambona Tonny:Yari yakize ariko aheruka gusubira kwumva ububabare ku mitsi y’ubwicariro.Igihe ashobora kugarukirako ntikizwi.
  4. Umukinyi wo hagati asatira Jean Jacques Bizimana:yagize ikibazo ku gatsintsiri k’ukuguru kw’iburyo.Azomara amezi 6 adakina kuva mu kwezi kwa 2 umwaka w’2020.

Ikiboneka nuko impungenge atari nyinshi ku bamenyereza ba Messager Ngozi kuko,uretse Hamaza Nyanzira,abo bandi basigaye n’ubundi bari bamaze igihe kitari gito badakina.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire