Ku musi w’Imana uheze umurwi Messager Ngozi waratsinze Rukinzo (2-0) mu rukino rwabereye ku kibuga Urukundo (Ngozi),aho ihiganwa ry’icicaro ca mbere ryari rigeze ku musi waryo wa 17.Aganira n’abamenyeshamakuru inyuma y’urwo rukino,Jimmy Ndayizeye,umumenyereza mukuru wa Messager Ngozi,yavuzeko kimwe muvyamuhaye intsinzi ari igaruka rya bamwe mu bakinyi bahora barwaye, “…narabivuze no ku rukino ruherutse ko twari tubuze abakinyi batari bake ariko murabonako uno musi twashoboye kugarukana abakinyi nka 3 canke 4 kandi murabonako bashoboye gufasha cane,turizeyeko uko bazogenda barakina inkino ,nko ku nkino 2 bazoba basubiye ku rugero rw’abandi”.Jimmy Ndayizeye yaragize n’ico avuga ku mukinyi Iddy Museremu: “Iddy Museremu aracarwaye ariko turizeyeko nko mu ndwi imwe ashobora gutangura imyimenyerezo,abaganga baratubwiyeko baheruka kumuvura,batubwiyeko ariko arakira rero turamurindiriye mu ndwi imwe asubire yimenyereze

Abakinyi basubiye gukina bahora barwaye ni:

-Nizigiyimana Ismael “Sémélé”

-Bayizere Olivier.

-Kiza Allan

-Irakoze Pavel

-Mugisha Steven (yari ku rutonde rwa 18)

Ico bikoze uwo Irakoze Pavel akaba yaranasubiye kubabarira muri urwo rukino naho abavuzi bataramenyesha ikiringo azomara adasubiye gukina.

Abakinyi nabo bakirwaye ni:

  1. Iddy Museremu
  2. Bizimana Jean Jacques na
  3. Lewis Vyizigiro amaze ikiringo kirekire adakina ariko nawene hakaba hari cizere cuko mu mezi makeya ashobora gutangura imyimenyerezo ari kumwe n’abandi, nkuko vyemezwa na Muganga Jesus-Marie ariko aramukurikirana.

Olivier Bayizere akaba ariwe yinjije igitsindo ca 2, mugihe yari yinjiye mu kibuga agomboye.

Umurwi Messager Ngozi wagumye mu kibanza ca mbere n’amanota 35 inyuma ya Musongati ufise amanita 36, ku rukino rwa 18, Messager Ngozi ukazokwakira Kayanza United ku kibuga Urukundo.

 

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire