Aganira n’abamenyeshamakuru inyuma y’urukino rw’ubugenzi rwahuje umurwi Messager Ngozi n’Umurwi Nserukiragihugu w’Uburundi ku batarenza imyaka 23,uwuserukira abakinyi(capitaine) mu murwi Messager Ngozi Cedric Danny Urasenga batazira Kagabo yavuzeko naho batsinzwe urwo rukino(1-2),bungutse vyinshi cane kandi bizonabafasha kwitegurira inkino uwo murwi wimirije. « Rwari urukino rwiza cane ku mpande zose kuko harimwo kwitanga,…ku ruhande rwacu turashima nubwo Intamba Mu Rugamba zabashije kudutsinda ni urukino rudufashije kwitegurira inkino ziri imbere¨[…]nkubu ihiganwa risa n’iryahagaze,ico dukeneye ni inkino z’ubugenzi zidufasha kuza turakosora udukosa dutoduto tugenda turakora bigafasha n’umumenyereza kugenda araraba abakinyi atagerezwa kuza arakinisha »,uko niko yabwiye Radio UMUCO FM.
Kuri urwo rukino,ibitsindo vy’intamaba Mu Rugamba vyinjijwe n’abakinyi Bienvenu Akanakimana(23’) na Cédric Titi Mavugo (68’) ku ruhande rwa Messager Ngozi igitsindo kimwe cinjijwa na Fataki Ali Intelligent(45’).

Abakinye ku rurwo rukino ku mpande zose n’abagiye barasubirirq abandi :

Messager Ngozi FC :

Bienvenu Nininahazwe-Irakoze Pavel(Hamza Nyanzira),Amini Abdul,Paul Manirakiza(Lewis Vyizigiro),Steven-Ibrahim Karikera,Mugisha Allan(J Jacques Bizimana),Cédric Danny Urasenga-Olivier Bayizere,Patel(Ladislas Mpisemwoneza),Fataki Alli Intelligent(Ismael Nizigiyimana).

Intamba Mu Rugamba U23 :

Onésime Rukundo(Messager Ngozi)-Suleiman Mustapha(Aigle Noir),Muryango Moussa(Vital’o),Steve Nahimana(Kayanza United),Chancel Ndaye,Rukinzo(Héritier Hakizimana,Aigle Noir)-Yussuf Nyange(Aigle Noir),Muryango Mabano(Aigle Noir),Musore Aaron,Musongati(Jospin Nshimirimana,Aigle Noir),Pascal Ramadhan,Musongati(Iddy Museremu,Messager Ngozi)-Irakoze Saidi,Musongati(Cédric Titi Mavugo,Aigle Noir na Yamini Selemani).
Yamini Selemani yagomboye Cedric Titi Mavugo mugihe nawe yari yagomoboye Irakoze Saidi.

Urukino rwabereye ku kibuga Urukundo i Ngozi kuwa 07 Munyonyo 2018 ;

Umurwi Messager Ngozi waheruka gutsinda (2-1) Intamba Mu Rugamba z’abatarenza imyaka 20, hari mu kwezi kwa 4 uno mwaka turimwo.

Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire