Aimable Nkunzima,umuserukizi w’Ishure Le Messager mu gihugu ca Maroc arabandanya gukomeza no kurondera ubucuti hagayi y’Ishure ry’Inkino Le Messager hamwe  n’abantu canke amashirahamwe akorera mu gisata c’inkino muri ico gihugu ca Maroc.Nk’uko we nyene abitumenyesha,mu misi mikeya iheze akaba yarahawe umubonano n’uwitwa  Dr Zakaria BENOMAR,uwo nawe akaba arongoye ikigo c’inkino citaho cane ivy’ukumenyereza biraba mu mutwe,mu gifaransa Académie Marocaine de Coaching Mental et Sportif.Muri uwo mubonano,bakaba baganiriye ingene hoba ubucuti « jumelage » hagati y’ico kigo ciwe hamwe n’ishure Le Messager.Inkino zirabwa n’ico kigo ni cane umupira w’amaguru « Football »,umupira w’amaboko « Basketball » hamwe na rwa rukino rw’abakinyi 2 baterana agapira gatoya ,ari rwo bita « Tennis ».

Ico bita « Coaching Mental » kijanye no gufasha abakora inkino zitandukanye bagashobora kubikora neza mu guhuza inguvu zabo « physique », ubuhinga « la technique » n’integuro « la tactique ».

Aimable Nkunzimana akavugako ibiyago vyagenze neza, aho hitezweko vyinshi bijanye n’ubwo bucuti bizoja mu ngiro mu misi iri imbere.N’uwuserukira igihugu c’Uburundi aho mu gihugu ca Maroc akaba akurikiranira hafi ibijanye n’iyo migenderanire.

Mu kwezi kwa 4 n’ukwa 5 muri uno mwaka w’2019 turiko turasozera, umurongoye ikigo c’Ishure Le Messager co mu ntara ya Ngozi n’uwurongoye Umurwi w’umupira w’amaguru Messager Ngozi baragendeye ico gihugu ca Maroc, bagendeye cane cane ibigo bikomeye cane vy’inkino na cane cane umupira w’amaguru « Académie Mohamed VI de Football», « FUS Rabat » na « FAR Rabat », aho hose hakaba hari mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire iri hagati y’ivyo bigo n’Ishure Le Messager.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire