Urukino ruhuza Flambeau du Centre na Musongati FC rwama ruba rutoroshe ariko uno mwaka, Flambeau du centre ni umugwi ufise vyinshi bidasanzwe. Kuri uyu w’Imana, ugiye gukina na Musongati FC, imigwi isangiye igisagara kandi ikurikirana ku rutonde.

Haciye imyaka mike cane Flambeau du Centre ironse uburenganzira bwo gukina ihiganwa ry’icicaro ca mbere. Ariko ntivyatevye ngo ironke umugwi ihangana nawo. Uyo nawo ni Musongati FC. Mu biranga urukino ruhuza ino migwi nuko rwitabwa n’abakunzi b’umupira w’amaguru isinzi bo mu mihingo myinshi y’igihugu aho usanga ikibuga cakubise kikuzura. Urukino rwo kuri uno w’Imana rufise itandukaniro n’izindi nkino zimaze guhuza iyi migwi.

Ni irya mbere Flambeau du Centre ikinye na Musongati iri imbere yayo

Uguhangana kw’ino migwi vyaramaze gucika umugenzo bigaheza bikanaryosha uru rukino. Kuva ku bakinyi, abamenyereza eka mbere n’abakunzi b’iyi migwi, ihiganwa rirangira umwe araba aho uwundi amusumbiriza na cane cane mu manota. Uno mwaka, urukino rwo gutangura rugiye gukinwa Flambeau du Centre iri imbere mu manota nubwo ikurikirwa na Musongati. N’igikorwa kidasanzwe Flambeau du Centre ikibandanya gukora.

Flambeau du Centre ishobora gutahukana intsinzi yayo ya mbere

Mu nkino z’ihiganwa ry’icicaro ca mbere ino migwi imaze gukina, Flambeau du Centre ntirashobora gutsinda Musongati ariko iramaze kunganya. Uwovuga ko uno mwaka intsinzi ishoboka ntiyoba abeshe ariko bikazomenyekana inyuma y’urukino.
Ku ruhande rw’abakunzi b’ino migwi, nta rukino rusa n’urundi. Umunezero uba mushasha uko ino migwi ihuye. Ku munsi w’urukino, mu gisagara ca Gitega haba hari uruja n’uruza rw’abakunzi bino migwi batari bake.
Mwokwibuka ko Flambeau du Centre iza mu kibanza ca kabiri n’amanota mirongo ibiri n’atanu, mu gihe Musongati iyikurikira ifise amanota mirongo ibiri na rimwe.

Dushime Divin
Academie le Messager.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire