Mu gihe ihiganwa ry’umupira w’amaboko Basketball mu ntara ya Ngozi rikibandanya, le Messager BBC Ngozi yongeye kwirahira Friends Team mu rukino rwo gusubiriza, ariko bigoranye cane mu gihe yayirushije inota rimwe gusa.

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruheshi 2019, aho ihiganwa ry’umupira w’amaboko Basketball mu ntara ya Ngozi ryabandanya n’urukino rwa kabiri mu gice c’inkino zo gusubiriza. Umugwi wa Le Messager BBC Ngozi wari uramutse ukina na Friends Team, umwe mu mirwi ifise kahise gakomeye cane muri iryo higanwa bivanye n’abakinyi wamye ufise eka mbere ukaba umaze no gutwara ibikombe vy’iri higanwa bitari bike. Aho ni mu gihe le Messager BBC Ngozi yo imaze imyaka idashika itatu itanguye gukina iri higanwa.

Vyari bikomeye cane

Mu gihe mu rukino rwa mbere le Messager BBC Ngozi yari yatsinze Friends Team amanota 63 kuri 38, mu rukino rwo gusubiriza ntivyayoroheye na gato. Armel Majambere umwungirizi w’umumenyereza mukuru ati: “Urukino rwari rugoye cane. Friends Team yaturushije bikomeye cane. Urukino rwashitse mu minota ya nyuma atawubona neza uwuza gutsinda. Vyatugoye ariko rwari urukino ruryoshe. Mu rukino rwa mbere, twari twabarushije ariko ubu vyari bitandukanye gose. Urukino rwarimwo inguvu ku mpande zose.”

Kubw’umumenyereza mukuru Bonis Nkunzimana, ngo habaye uguhungabana mu vyiyumviro ku bakinyi biwe. Agir’ati: “Twariteguye neza ariko hageze urukino abakinyi banje bagize ikibazo co gukengera urukino. Vyahavuye bitoroha rero ivyiyumviro vyabo birahungabana kuko Friends Team yari yaje yiteguriye kudatsindwa kandi ariko Imana yadufashije turatsinda mu misegonda ya nyuma bitugoye cane.” Urukino rukaba rwarangiye ku ntsinzi ya le Messager BBC Ngozi ku manota 50 kuri 49 ya Friends Team.

Uku niko vyagenze ku gace kamwe kamwe:

Agace ka 1 

  • Friends Team 10
  •  Le Messager BBC Ngozi 16

Agace ka 2:

  • Friends Team 16
  • Le Messager BBC Ngozi 11

Agace ka 3

  • Friends Team 17
  • Le Messager BBC Ngozi 12

Agace ka 4

  • Friends Team 6
  • Le Messager BBC Ngozi 11

Friends Team 4950 Le Messager BBC Ngozi

Muri uru rukino, abakinyi babiri aribo Adonis Munezero na Pierrot Ndanga baravyifashemwo neza bafashijwemwo na bagenzi babo. Mwomenya ko le Messager BBC Ngozi iza mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo mu ntara ya Ngozi, ikaba ifise itsinzi zitanu mu nkina zitandatu imaze gukina.

Divin Dushime

Académie le Messager

 

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire