Mu ntumbero yo gufasha abipfuza kwinonora imitsi ku buryo bugezweho (pratique du sport moderne), Ishure ryigisha ivy’inkino Académie Le Messager ryaruguruye inyubakwa irimwo ibikoresho bitandukanye bifasha kwinonora imitsi.Iyo nyubakwa ariyo bita « Gymnase » mu rurimi rw’igifaransa iri kumwe n’izindi nyubakwa zigize ikibuga Urukundo (Stade Urukundo) kiri i Buye mu ntara ya Ngozi.

Ivyuma canke ibikoresho bifasha abinonora, ahanini ni nk’ibi :

  1. Ivyuma vyo kwirukirako bituma uwinonora ashuha kuko aba asa n’uwuriko yirukira mw’ibarabara, « tapis roulants».Ivyo vyuma birashobora no ku kwereka uko umutima uriko uratera hamwe n’urugero rw’ibinure bidakenewe umubiri uba uriko uratakaza.
  2. Ivyuma bifasha kugorora amaguru bimeze nk’ikinga.Bituma imitsi yo mu maguru ikora neza.
  3. Ivyuma bigorora umugongo.
  4. Ivyuma bifasha kugabanura umuvyibuho urengeje w’inda.Bituma uwinonora atakaza mu nda hanini, agaheza akoroherwa kuko agabanuka uburemere.
  5. Ivyuma bikomeza amaboko bita « poulie».Ni ivyuma uwinonora akwega, biba bifise uburemere butandukanye, uwinonora niwe yihitiramwo ivyo ashobora gukwega.Ivyo biranafasha kugorora umugongo.
  6. Ivyuma vyo guterura bifasha gukomeza amaboko.Ni ivyuma bifise uburemere butandukanye, uwinonora arabiterura akabigumiza mu kirere bigatuma amaboko ajamwo inguvu nyishi.
  7. Ivyuma bikandakanda umubiri, bigafasha kugabanya ububabare bwo mu mubiri, ndetse biranafasha ko amaraso atembera neza mu mubiri.

N’ibindi n’ibindi.

Muri iyo nyubakwa hakaba hariyo abahinga banonosoye ivyo kwinonora imitsi bafasha abinonora kugirango babitunganye neza.

Abarongoye ikigo ca Ngozi c’ishure Le Messager bakaba bamenyeshako ku misi y’imirimo kwinonora imitsi bitangura kuva igihe c’isaha 8 z’umuhingamo (14h00) gushika isaha zibiri z’ijoro (20h00),nayo mu mpera z’indwi ni kuva isaha 2 z’agatondo (08h00) gushika isaha 2 z’ijoro (20h00).

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire