Hirya no hino haba mu gihugu c’Uburundi canke ndetse no mu bindi bihugu urabona abantu na canecane abakunzi b’inkino bambaye imyambaro yanditseko amazina y’abakinyi batandukanye bakina cane cane ku mugabane wa Bulaya canke ivyambarwa biriko ibirango (logos) vy’imirwi ikomakomeye.Benshi birabahimbara nk’iyo bambaye agapira kanditseko izina ry’umukinyi bakunda, bikaba akarusho mugihe uwo mukinyi aba ari igihangange.

Na hano mu Burundi, haratanguye kwibonekeza abakunzi b’inkino bambara ivyambarwa vyanditseko amazina y’abakinyi b’abarundi.Ivyo vyatanguye kwibonekeza kuva imbere gato yuko Uburundi buja ku ncuro ya mbere mu nkino z’igice ca nyuma mu gikombe ca Africa c’Imirwi Nserukiragihugu, CAN.Uretse abo bagiye muri CAN, hari n’impuzu zimwe zimwe ziboneka zanditseko abakinyi bazwi bakina mu mirwi itandukanye ikina icicaro ca mbere hano mu Burundi.

Mu ntumbero yo gukundisha cane abakinyi n’imirwi ya hano mu Burundi,Ishure Le Messager rikaba ryaratanguye kugurisha imyambaro y’inkino iriko ikirango n’ivyandiko vy’iryo shure Le Messager.Imyambaro ihari ni izo bita « training » ni ukuvuga iyo twokwita ipantalo n’umupira wayo wo kwambara hejuru.Hariho kandi inkofero zifuka umutwe wose no mu maso ariko zifise aho amaso abonera hameze nk’amarori y’izuba (lunettes fumées).

Ivyo vyambarwa ababikeneye bagashobora kubisanga mu nyubakwa z’ikibuga Urukundo (Stade Urukundo) i Buye, mu ntara ya Ngozi.Mw’ishure Le Messager bakaba bamenyeshako bafise n’umugambi wo kuzozana udupira twanditseko amazina y’abakinyi bakina mu mirwi yo mw’ishure Le Messager cokimwe n’inimero basanzwe bambara.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemesssagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

 

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire