Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abakinyi bakina mw’ihiganwa ryo mu Burundi wasezeye ihiganwa rya CHAN rihuza imirwi nserukiragihugu ikinisha abakinyi bakina imbere mu bihugu vyabo.Igihugu c’Ubuganda kikaba arico cakuyemwo Uburundi,mu rukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri(2ème tour) rwabereye i Kampala mu gihugu ca Uganda,kuri uno wa gatandatu ignekerezo rya 19 Gitugutu 2019.Kizigenza w’uwo murwi w’Uburundi Cedric Danny « Kagabo » na bagenziwe bakaba batashoboye guhagarara imbere y’abasatirizi b’abaganda,icabonetse nuko inguvu bari bafise ku rukino rwo gutangura rwabereye i Bujumbura(21 Nyakanga) ataciyongeyeko na bukebuke kuko basubiye gutsindwa ibitsindo bitatu ku busa (3-0) nkuko n’ubundi bari batsinzwe ku rukino rwo gutangura.Igice ca mbere c’urwo rukino carangiye Ubuganda bufise igitsindo kimwe ku busa,ibindi bitsindo bibiri bikaba vyinjiye mu gice kigira kabiri.Abakinyi bane (4) baserukiye umurwi Messager Ngozi bose bakaba bashoboye gukina urwo rukino,batatu bakaba batanguye mu kibuga,aribo Rukundo Onésime(umunyezamu),Amin Abdoul « Nomono »(akina inyuma iburyo) na Iddy Museremu(umusatirizi).Olivier Bayizere(umusatirizi) nawe akaba yinjiye ku munota wa 70 asubiririye Landry Ndikumana asanzwe akinira Kayanza United.
Abatanguye ku ruhande rw’Uburundi :
Rukundo Onésime- Harerimana Emmanuel, Abdoul Amin « Nomono », Ndizeye Eric, Asman Ndayishimiye-Youssuf Ndayishimiye, Abedi Bigirimana, Urasenga Cedric Danny-Mavugo Cedric-Iddy Museremu.
Uburundi buheruka gukina igice ca nyuma c’ihiganwa rya CHAN mu mwaka w’2014,hari mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Elysé Niyubahwe
AcadémieLe Messager
www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)
www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire