Abatari bake bahora bavyicura,umurwi Messager Ngozi wahinduye umumenyereza ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 02 Gitugutu 2018.Uwahora ari umumenyereza,umufaransa Jean Jacques Eidelie akaba yirukanywe bivanye n’umwimbu muke yaronse mu nkino z’ihiganwa rishasha aho ku nkino 9,yaronse intsinzi zitarenze 2,anganya incuro 2 yongera atsindwa inkino 5 zose.Uwumusubiriye akaba ari Jimmy Ndayizeye yigeze kumenyereza umurwi Muzinga na Académie Tchité,akaba aheruka gusozera ihiganwa yari yatanguriye hagati mu murwi Bugesera FC wo mu gihugu c’Urwanda.Uwo mumenyereza mushasha akazokwerekwa abakinyi ba Messager Ngozi kuri uno wa kane.
Vyinshi kubijanye n’ino nkubu tukazobigarukako.

Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire