Kuva ku musi wa kane igenekerezo rya 03 gushika ku musi w’Imana igenekerezo rya 06 Gitugutu 2019, harabereye ku kibuga Urukundo kiri i Buye mu ntara ya Ngozi,inkino z’ubugenzi zahuje imirwi ikina mu vyicaro bitandukanye hamwe n’imirwi y’abahumure.Izo nkino zikaba zatunganijwe n’Ishure ryigisha inkino ariryo Le Messager.Uku niko imirwi yari igabuwe :

Iyikina icicaro ca 3:

  1. Agasaka Academy (Ngozi)
  2. Inarunyonga FC(Ngozi)
  3. Shalom FC (Ngozi)
  4. Espoir FC(Ngozi)
  5. Diable Rouge (Karusi)

Iyikina icicaro ca 2 :

  1. Lumière FC (Ngozi)
  2. Top Junior (Kayanza)

Iy’abakukuruke:

  1. Commune Nyamurenza
  2. Commune Mwumba
  3. Haleluya FC (Bujumbura)

 

Icibonekeje ni uko hinjiye ibitsindo vyinshi kuri izo nkino,na cane cane aho umurwi Haleluya FC wababaje uwa Komine Nyamurenza mu kuwutsinda ibitsindo 9 kuri 1.Izindi nkino twovuga ni aho Haleleluya FC nyene yatsinze Komine Mwumba ibitsindo 4 kuri 2 na Diable Rouge itsinda Espoir FC ibitsindo 5 kuri 1.Bisigurako Haleluya FC yinjije muri rusangi ibitsindo 13.

 

Uku niko inkino zagenze muri rusangi:

 

Kuwa 4 igenekerezo rya 3 Gitugutu 2019

Agasaka 1-0 Inarunyonga

Kuwa 5 igenekerezo rya  04 Gitugutu 2019

Shalom 4-3 Top Junior

Haleluia 9-1 Commune Nyamurenza

Kuwa 6 igenekerezo rya 5 Gitugutu 2019

Halleluya-fxnaire Mba:4_2

Kuw’Imana igenekerezo rya 6 Gitugutu 2019

Diable rouge-Espoir FC:5_1

Lumiere FC-Shalom:0-1

Muri ivyo bitsindo vya Haleluya FC,Umukuru w’Igihugu akaba yinjije igitsindo kimwe mu rukino rwo ku musi wa gatanu ariko akaba yaratanze imipira yavuyemwo ibitsindo vyinjijwe na bagenzi biwe,ni ukuvuga Paul(2),Cadeau(1),Didier (2),Saidi (2) na Saleh (1).Nayo ku mus iwa 6 abinjirije Haleluya FC ni Cadeau(2),Saidi (1) na Paul (1).

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire