Umurwi Messager Ngozi waraye usezeye ihiganwa ry’Igikombe Citiriwe Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, utsinzwe na Unité FC wo mu ntara ya Muyinga (2-1),ni mu rukino rwabereye ku kibuga Ingoma(Gitega) kuri uno wa 2 ignekerezo rya 18 Ruhuhuma,aho iryo higanwa ryari rigeze mu gice ca 16 gishira ica nyuma.Ukwo gusezera kwa Messager Ngozi bikaba vyarababaje cane abakunzi b’uwo murwi,na cane cane ko wakuwemwo n’umurwi ukina icicaro ca 2.Ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye,abo bakunzi ba Messager Ngozi bababazwa ahanini nuko abamenyereza boba barasuzuguye urwo rukino mu gutanguza abakinyi batari bakunze gutangura mu kibuga,bagasiga hanze abakinyi bakomakomeye.Jimmy Ndayizeye,umumenyereza mukuru wa Messager Ngozi,ntahakana ico co kudatanguza abakinyi bakomeye,ariko avugako yabikoze kubera ko benshi muri bo bahora barwaye,akaba yatinyako bakinye umwanya munini bari guhava baca basubira gukomereka.

Abakinyi ba ntayegayezwa batatanguye kuri urwo rukino ni abasatitirizi Iddy Museremu,Olivier Bayizere na Fataki Ali Intelligent,umukinyi wo hagati Ibrahim Karikera hamwe n’abakinyi b’inyuma Amini Abdoul « Nomono » na Frank Congera.Abashoboye gusubirira abandi muri urwo rukino ni Museremu,Intelligent na « Nomono ».

Ni ku ncuro ya 2 zikurikiranya umurwi Messager Ngozi usezeye iryo higanwa ukuwemwo n’umurwi wo mu cicaro ca 2, nkuko vyagenze mw’ihiganwa riheze ukuwemwo na Inter Star (ico gihe wakina icicaro ca 2)

Inyuma yo kubura Igikombe c’Ubumwe mu rukino rwa nyuma hamwe nuko gusezera mu gikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu,amaso agiye kwerekezwa cane mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere,ariko nahone ibintu bikaba bitoroshe umuntu yihweje imirwi imwimwe itanguye kwerekana ubukomezi budasanzwe muri kino gice co gusubiriza,aha twovuga Vital’o,Aigle Noir,n’iyindi.

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français).

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire