Umurwi Messager Ngozi uzotana mu mitwe kuri uno wa gatandatu na Inter Stars mu rukino rw’igice ca 4 gishira icanyuma mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu.Iyo migwi yaheruka guhurira muri ico gice no muri iryo higanwa nyene mu kwezi kw’7 mu mwaka w’2014. Messager Ngozi niwo watahukanye intsinzi ya penaliti 8 ku 7 mu gihe urukino rwari rwaheze imirwi inganya ibitsindo bibiri ku bindi(2-2),hari ku kibuga c’i Muramvya, Stade Royal. Umuntu yihweje uko iyo migwi yari yifashe mu myaka 5 iheze be n’ubu bibonekako hari itandukaniro rinini. Ibi nivyo twashoboye gutororokanya:

  1. Ico gihe imirwi yose yakina mu cicaro ca mbere,ubu Inter Stars ikina mu cicaro ca 2
  2. Abari abamenyereza b’iyo mirwi muri 2014,ubu nta n’umwe akiwurimwo.
  3. Hafi 100% y’abakinyi ba Inter Stars bakinye ico gihe ubu ntibagikina muri uwo murwi(harimwo abakukurutse).
  4. Sabumukama Enock,Miburo Bonne Chance (Chedou), Irakoze Aimable (Éboué), Mizero Don Parfait (Drogba) na Tuyisenge Sostène (Soso) nibo bonyene batagikina muri Messager Ngozi kuri 18 bari kuri urwo rukino
  5. Kuri buri murwi harimwo umukinyi yahavuye aja gukina hanze y’igihugu z’umuhingamo i no mu murwi Nserukiragihugu uzokina CAN 2019, ni Nahimana Shassiri(Inter Stars) na Enock Sabumukama(Messager Ngozi).

 

Inter Star mu rukino rwagira ruyihuze na Messager Ngozi (2014)

 

Isango ni ku kibuga Ingoma kuva igihe c’isaha Icenda z’umuhingamo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 06 Ndamukiza 2019.

Izindi nkino zizoba kuri uwo musi nyene:
-Aigle Noir vs Lydia Ludic,Ikibuga Umuco(Muyinga)
-Rukinzo vs Kayanza United,Ikibuga Urumuri(Ruyigi),
-Musongati vs Ngozi City,Ikibuga Prince Louis(Bujumbura)

Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire