Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu ni ihiganwa ryugururiwe imirwi yose yitunganije neza kandi iviyipfuza, hatarabwe ko ikina mu cicaro runaka hano mu Burundi.Mu mahiganwa nk’atatu aheruka, harabonetsemwo n’imirwi y’abakukuruke yiyandikisha,ni ukuvuga abahoze bakina mu mirwi itandukanye haba hano mu Burundi canke mu karere.Ibidasnzwe uno mwaka,ni uko n’umurwi Haleluya FC ukinamwo umukuru w’igihugu nawo wiyandikishije!!! Uzuserukira abakinyi, uwo bita kapitene Paul Nsengiyumva avugako baravye imirwi yiyandikisha muri iryo higanwa basanze hari iyitari mike bohiganwa bakanashobora kuyitsinda.Ariko rero intumbero ngo si ukurwanira igikombe, ahubwo ngo ni ukwifadikanya n’abandi kuko iryo higanwa rihuza imirwi myinshi cane yo mu gihugu.

Ivyo rero Kapitene Paul akaba yabitumenyesheje mugihe kuva ku mus iwa kane gushika ku mus iwa gatandatu mu ndwi iheze, uwo murwi wakinye inkino zitatu mu ntara za Makamba na Rumonge kandi zose ukaba warazitsinze, kandi ku bitsindo vyinshi.

Uku niko izo nkino zagenze :

  1. Kuwa 4 igenekerezo rya 21 Munyonyo 2019 :

Haleluya FC 4-1 Abawigeze Makamba, ku kibuga Peace Park, i Makamba

(Abinjije ku ruhande rwa Haleluya FC: Umukuru w’Igihugu 2, Saidi 2)

  1. Kuwa 5 igenekerezo rya 22 Munyonyo 2019

(Abinjije ku ruhande rwa Haleluya FC : Paul 2, Saleh 1, Didier 1 et Janvier 1)

Haleluya FC 5-1 Abawigeze Makamba, ku kibupa Peace Park,i Makamba

  1. Kuwa 6 igenekerezo rya 23 Munyonyo 2019

Abawigeze Rumonge 1-3 Haleluya FC, ku kibuga Ivyizigiro, mu Rumonge

(Abinjije ku ruhande rwa Haleluya FC: Paul 3)

 

Benshi bariteze kubona Umukuru w’igihugu akina mw’ihiganwa ry’igikombe camwitiriwe!!!

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org(Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire