Kuba ari we afise ibitsindo vyinshi (15) inyuma y’inkino 27 mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere hano mu Burundi,si ivy’igihamana.Ku myaka yiwe 24,Iddy Museremu ni umwe mu bakinyi bashikanye umurwi Messager Ngozi mu kibanza ca mbere irimwo.

Uwo mukinyi afise ubuhinga butangaje bwo gutwara umupira ikirere kirekire atawutakaje kandi ariko aranyaruka,ico bita « conduite de balle ».Ni umukinyi akinisha cane ukuguru kw’iburyo ariko akenshi akaba akunda gutwara umupira awucishije ku ruhande rw’ibubamfu,akagira ubuhinga bwo kwinyuranganya mu bakinyi b’umurwi baba bahanganye,bigashobora kumukundirako yinjiza ibitsindo yamaze gushika muri mukorumbone.Ubundi buhinga uwo mukinyi azwi ko cane,bukaba bujanye no gutera imipira y’imiterekano imwe bita « coups francs » mu rurimwi rw’igifaransa.Benshi baravyiboneye ku rukino Messager Ngozi yatsinzemwo Flambeau du Centre(2-1) kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020,aho ivyo bitsindo vya Messager Ngozi vyinjijwe n’uwo mukinyi kandi muri ubwo buryo bwa « coups francs ».

Ku burebure bwiwe bwababa 1,65cm,uwo mukinyi ntakangwa no guhangana n’abakinyi barebare akanashobora kwinjiza n’ibitsindo ku mipira iba iterewe mu mfuruka, « corner ».

Bimwe muvyo Iddy Museremu amaze gushikako mu kiringo amaze akina umupira w’amaguru,ari wenyene canke ari kumwe n’abandi.

-2010 :Yabaye umukinyi mwiza « Meilleur Joueur » mw’ihiganwa « Copa CocaCola » ryahoze ritunganywa n’ishirahamwe BRARUDI ku bakinyi b’abanyeshure batarenza imyaka 16.

-2012 :Yafashije Messager Ngozi kuduga mu cicaro ca mbere,ninawe yinjije igitsindo ca nyuma ku rukino Messager Ngozi yatsinze Wazee FC yo mu Rumonge (3-1).

-2014 : Yafashije Messager Ngozi gutahukana igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu(Messager Ngozi yatsindiwe mu rukino rwa nyuma,uca userukira igihugu kuko umurwi Lydia Ludic yari isanzwe yaratahukanye igikombe c’ihiganwa rikuru)

-2016 : Yafashije Messager Ngozi gutahukana igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu.

-2017 : Yafashije Messager Ngozi gushika ku rukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu.

-2018 :Yafashije Messager Ngozi gutahukana ku ncuro ya mbere igikombe c’ihiganwa ry’icicaro ca mbere.

-2018 :Yashizwe ku rutonde rw’abakinyi 11 baranze ihiganwa rya 2017-2018.

-2019 :Yashizwe ku rutonde rw’abakinyi 11 baranze ihiganwa rya 2018-2019.

-2019 :Yabaye umukinyi yaranze ukwezi kw’10 mw’ihiganwa ry’Icicaro ca mbere.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire