Ku musi wa gatandatu uheze,inyuma y’urukino rwahuje Messager Ngozi na Ngozi City (1-1), niho ishirahamwe Brarudi ryashikiriza umukinyi wa Messager Ngozi  Iddy Museremu agashimwe kiwe ko kuba yaratowe nk’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kw’10 umwaka w’2019.Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ahejeje kwakira ako gashimwe,Iddy Museremu yavuzeko afise intumbero yo gutahukana ubushimwe bwose buhiganirwa mw’ihiganwa ryo mu Burundi,yagize ati: “Ubushimwe bwose buriko burakinirwa hano mu gihugu ndabukeneye kiretse agashimwe gahabwa abamenyereza,bisigurako kano gashimwe kambereye aka mbere,ubundi bwose nzogenda ndaburondera kandi birashoboka,…ndashora kukabura ariko nzobandanya ngwana kuko vyose birashoboka”.Iddy Museremu yaranavuze ibanga ariko arakoresha mu kugirango yinjize ibitsindo vyinshi gusumba abandi,”Ica mbere na mbere ndafise intumbero,nk’umusatirizi ntegerezwa kugira intumbero yo kuzotahukana agashimwe k’uwinjije ibitsindo vyinsi,ivyo rero bisaba yuko buri rukino nshobora kuronka igitsindo,aho rero ntegerezwakumenya ico gukora jewe ubwanje mugihe mba ndi hafi y’izamu

Iddy Museremu yaronkejwe igikombe hamwe n’ibahasha y’amafaranga y’amarundi Ibihumbi Amajana Abiri na Mirongo Itanu(250,000).Yaheruka guhabwa agashimwe nkako mu kwezi kwa 2 umwaka w’2019.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire