Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2019 umurwi Flambeau du Centre uzotana mu mitwe na Rukinzo FC,ku kibuga Intwari kiri mu gisagara ca Bujumbura,aho ni mugihe hariko harakinwa inkino z’umusi wa 6 w’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya hano mu Burundi.Ni urukino ruje imirwi yose iri mu bihe bidasanzwe.Flambeau du Centre uzokina urondera kuguma mu kibanza ca mbere,ikibanza uwo murwi utari bwigere wicaramwo mu mahiganwa aheze.Ku rundi ruhande ni Rukinzo itaratsinda urukino na rumwe muri 3 imaze gukina,ni ukuvuga intsinzwi 2 n’urukino rumwe rwo kunganya.Mu nkino 2 zahuje iyo mirwi mw’ihiganwa riheruka kurangira,urukino rwo gutangura rwabereye ku kibuga Ingoma (Gitega) iyo mirwi ikaba yaranganije 0-0 nayo mu rukino rwo gusubiriza rwabereye ku kibuga Ivyizigiro (Rumonge),Flambeau du Centre yatsinze 2-0.

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 9 Nyakanga 2019 uburongozi bukuru bw’umurwi Flambeau du Centre bwaragendeye abakinyi aho Kazohera Vénérand awurongoye yakeje abakinyi k’ukuntu bariko barigenza muri kino gihe, akaba yaranabatekereye impanuro zijanye n’uko bobandanya bigenza neza, bakarangwa n’indero, kubaha ababarongoye hamwe no kwama bibuka gusenga imisi yose.Abakinyi bakaba bamwemereye ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugirango ihiganwa rizogende neza,bazoshike kure hashoboka.

Urwo rukino hagati ya Rukinzo na Flambeau du Centre rukazotangura igihe c’isaha 10 z’umuhingamo.

Izindi nkino z’umusi wa 6 mu cicaro ca mbere:

Kuwa 5 igenekerezo rya 13 Nyakanga 2019:

-Isaha 7 n’igice:Les Lierres FC 0-3 Bumamuru (Intwari)

-Isaha 10: Athletico Academy 3-2 Kayanza United (Intwari)

Kuwa 6 igenekerezo rya 14 Nyakanga 2019 :

-Isaha 7 n’igice : Inter Stars-Aigle Noir(Intwari)

-Isaha 9 : Messager Ngozi FC-Vital’o (Urukundo)

-Isaha 10 : Rukinzo FC-Flambeau du Centre (Intwari)

Kuw’Imana igenekerezo rya 15 Nyakanga 2019 :

-Isaha 7 n’igice: Burundi Sport Dynamic-Olympic Star (Intwari)

-Isaha 9: Ngozi City-Lydia Ludic Burundi (Urukundo)

-Isaha 10: Bujumbura City-Musongati (Intwari).

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org(Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire