Ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere ryo mu Burundi rigiye kubandanya n’umusi waryo wa 11 mu mpera z’ino ndwi, aho ryari ryarahagaze kubera umurwi Nserukiragihugu w’abakina mu Burundi gusa wari wagiye mu gihugu c’Ubuganda.Umurwi Messager Ngozi usanzwe uri mu kibanza ca mbere ukaba uzokwakira Bujumbura City,muri kino gihe ubarizwa mu kibanza c’8.Nivyo ko aho ihiganwa rigeze bibonekako Messager Ngozi ifise amahirwe kuri urwo rukino,ariko yohagabira kuko Bujumbura City uri mu mirwi Messager Ngozi itigeze itsinda mw’ihiganwa riheruka kurangira.Mu rukino rwo gutangura rwabereye ku kibuga Urukundo, Bujumbura City yatsinze Messager Ngozi igitsindo kimwe ku busa (0-1),nayo mu rukino rwo gusubiriza rwabereye ku kibuga Intwari,iyo mirwi ikaba yaranganije ubusa ku bundi (0-0).Twovugako mw’ihiganwa riheze umurwi Messager Ngozi wagize intango mbi cane kuko ku nkino 10 za mbere,watsinzemwo izitarenze 2,unganyamwo 3 bisigura ko wari ufise amanota 9 kuri 30 y’inkino 10.Bitandukanye n’uno mwaka aho ku nkino 9 uwo murwi umaze gukina utaratsindwa urukino na rumwe,umaze gutsinda inkino 7 ,unganya 2,bisigurako ufise amanota 23 kuri 27.
Isango ni ku musi w’Imana igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019 ku kibuga Urukundo kuva igihe c’isaha 9 z’umuhingamo.

Elysé Niyubahwe
Académie Le Messager
www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)
www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire