Ku musi w’Imana igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019,umurwi Flambeau du Centre uzogendera Lydia Ludic Burundi ku rukino rwo ku musi ugira uwa 11 w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Burundi.Ni urukino rukomeye ku mpande zose uravye buri murwi ikibanza urimwo.Flambeau du Centre wipfuza cane gusubira mu kibanza ca mbere uheruka gukwugwamwo na Messager Ngozi nayo Lydia Ludic uri mu kibanza c’7 n’amanota 14 urondera gutsinda kugirango uje mu bibanza vy’imbere na cane cane ko imirwi itatu iri imbere yawo yose ifise amanota 16,ni ukuvuga Bumamuru(wa 4),Vital’o (wa 5) na Burundi Sport Dynamic (wa 6).Ndetse Lydia Ludic igashobora guca imbere y’iyo mirwi vyoroshe nka hamwe yotsinda inkino z’ibirarane ifise.Mw’ihiganwa riheze, Flambeau du Centre warifashe neza imbere ya Lydia Ludic kuko aho utatsinze waranganije.Mu rukino rwo gutangura(aller) rwabereye ku kibuga Ingoma i Gitega,iyo mirwi ikaba yaranganije ibitsindo bibiri ku bindi(2-2) nayo ku rukino rwo gusubiriza(match retour) rwabereye ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura,Flambeau du Centre ukaba watsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe (1-2).

Urukino rukazotangura igihe c’isaha 10 z’umuhingamo.

Inkino zitegekanijwe ku musi wa 11 w’ihiganwa

Ku musi wa 6 igenekerezo rya 26 Gitugutu 2019

 

13h30 : Inter Stars vs Les Lierres, Ikibuga Intwari.

15h00: Olympic Star vs Atletico Academy, ikibuga Umuco.

15h00: Musongati vs BS Dynamic, ikibuga Ingoma.

15h00: Kayanza United vs Aigle Noir Makamba, ikibuga Urukundo.

16h00: Rukinzo vs Ngozi City, ikibuga Intwari.

 

Kuw’Imana igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019

 

13h30: Bumamuru vs Vital’o, ikibuga Intwari.

15h00: Messager Ngozi vs Bujumbura City, ikibuga Urukundo.

16h00 : Lydia Ludic B vs Flambeau du Centre, ikibuga Intwari.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire