Urukino rwo ku musi ugira 14 w’ihiganwa ry’icicaro ca mbere hagati ya Messager Ngozi na Ngozi City ,hari amakuru yariko aravugwa ko rushobora kuvanwa ku musi wa gatandatu rugakinwa bukeye ku musi w’Imana, ariko rwahavuye rugumizwa ku musi wa gatandatu.Amakuru duhesha uwurongoye ikigo c’I Ngozi c’Ishure Le messager aremezako hari habaye umwumvikano hagati y’abarongoye iyo mirwi uko ari ibiri ko bokwunguruza urukino,ndetse n’ikete ryo kubisaba rikaba ryari ryamaze kurungikwa ku bajejwe gutunganya amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.Ariko rero,ico cipfuzo muri Messager Ngozi bahavuye babonako cobatera ingorane kubera uwo murwi usanzwe ufise urundi rukino rwa hafi ruzoca ruwuhuza na Kayanza United ku musi wa 3 igenekerezo rya 20 Munyonyo ku kibuga Umuco c’i Muyinga.Abamenyereza ba Messager Ngozi babonyeko ari nka hamwe urwo rukino rwokinwa ku musi w’Imana abakinyi batoronka akanya gakwiye ko kuruhuka hamwe no gutegura urwo rundi rukino rwo kuwa 3.

Isango rero ni ku musi wa gatandatu kuva igihe c’isaha 9(15h00) z’umuhingamo ku kibuga Urukundo.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

 

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire