Isozerwa ry’agace ko gutangura (phase aller) k’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere mu Burundi ntiryagendeye neza umurwi Messager Ngozi.Ku rukino rwa 15 rwabereye ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura kuri uno w’Imana uheze,uwo murwi Messager Ngozi wanganije na Dynamique ku gitsindo kimwe ku kindi (1-1),Yassine Dushime akaba yagomboye mu minota 3 y’inyongera  mugihe uwitwa Sunday Izodukiza yari yinjije igitsindo ca Dynamique ku munota wa 57.Ivyo vyabaye mu gihe no ku rukino rwa 14,Messager Ngozi yari yanganije na Ngozi City naho nyene 1-1.Igikomeye cane kikaba ari urukino rw’ikirarane rwabaye igenekerezo rya 20 Munyonyo aho Messager Ngozi watsinzwe na Kayanza United ibitsindo bibiri ku busa (2-0).Ku kibazo kijanye nuko bitoba biva ku buruhe abakinyi bafise,Jimmy Ndayizeye umumenyereza mukuru wa Messager Ngozi avuga yuko atari vyo na gato, « oya sinovugako ari uburuhe, murabona ingene inkino zigenda zirakurikirana,isura y’ihiganwa igenda irahinduka,ku nkino zitatu ntidutsindemwo na rumwe kandi turiko turarondera igikombe,mu mupira ni ibishika,gusa ikintu tugiye gukora ni ugutegura cane tuzotangure neza agace ko gusubiriza,tuzogerageza gukosora amakosa yose yibonekeje mu gace ko gutangura ».Ivyo Jimmy Ndayizeye yabiganiriye abamenyeshamakuru inyuma y’urwo rukino umurwi wiwe wari uhejeje kunganya na Dynamique, abo bamenyeshamakuru barashatse kumenya nimba hari abandi bakinyi bashasha umurwi uzorondera,akaba yarabihakanye, : « Oya,sindavyibaza ko tuzobonamwo amaraso mashasha ,nibazako abakinyi bazoba ari barya nyene ».

Umurwi Messager Ngozi ukaba usozereye agace ko gutangura uri mu kibanza ca mbere n’amanota 32 kuri 45 asanzwe akinirwa kuri buri gace, mu kibanza ca 2 hari umurwi Flambeau du Centre n’amanota 29 ariko ico kibanza uwo murwi ushobora ku gitakaza ari nka hamwe Musongati wa 3 n’amanota 27 wotsinda urukino rw’ikirarane ruzowuhuza na Vital’o ku musi w’Imana igenekerezo rya 1 Kigarama 2019.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire