Mu mpera z’indwi iheze, imirwi myinshi ikina icicaro ca mbere hano mu Burundi yarasozereye inkino zayo 15 z’agace ko gutangura (phase aller).Umurwi Flambeau du Centre ukaba wosozereye neza kuko watsinze Bujumbura City (2-1) ku rukino rwabereye ku kibuga Ingoma kiri mu gisagara ca Gitega.Bujumbura City niwo watanguye kuronka igitsindo mu minota ya mbere y’urukino ndetse n’igice ca mbere caheze uko nyene.Inyuma y’akaruhuko,ibintu vyarahindutse,umurwi Flambeau du Centre urasatira cane kugeza aho ugombora ico gitsindo ndetse uraninjiza n’ica kabiri vyinjijwe n’abakinyi Radjabu Barayandema na Léonard Gakwaya batazira « Lele »,urukino ruca ruhera kuri iyo ntsinzi ya Flambeau du Centre.Ni amanota 3 uwo murwi wari ukeneye cane kuko inkino zibiri waheruka gukina zose wazitsinzwe kandi winjijwe ibitsindo vyinshi (Vital ‘ô 3-0,Aigle Noir 5-2).

Inyuma y’iyo ntinszi, Flambeau du Centre wagumye mu kibanza ca 2 n’amanota 29 inyuma ya Messager Ngozi ifise amanota 32.Ariko ico kibanza Flambeau du Centre ntigisinzirana kuko mukeba wayo Musongati uri kw’irembo.Ku manota 27 Musongati ifise mu kibanza ca 3, irashobora gukura Flambeau du Centre mu kibanza ca 2 ari nka hamwe yotsinda urukino rw’ikirarane izokina na Vital’o ku musi w’Imana igenekerezo rya 2 Kigarama 2019 ku kibuga Ingoma.

Ikiboneka ni uko baba abakunzi ba Flambeau du Centre canke aba Messager Ngozi bipfuza intsinzi ya Vital’o kuri urwo rukino.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org(Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire