Urukino rwahuje imirwi Shalom FC (Ngozi) na Telaviv FC (Bujumbura) rwabaye ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 04 Nzero 2020 rwaravuzweko amajambo menshi cane, afatiye kubijanye n’umuhagarikizi Jaffari Nduwimana.Mw’ikete ryo kw’igenekerezo rya 06 Nzero 2020,abaserukira umurwi Shalom FC basavyeko ipenaliti yahawe Telaviv FC bigatuma itahukana intsinzi yohanagurwa bivanye nuko yoba yatanzwe ata kosa ryari ryahabaye,abo baserukira Shalom FC baranasavyeko hokorwa matohoza kucoba caratumye uwo muhagarikizi akora ivyo bintu,bo babonako yoba atabikoze giturumbuka.

Kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2020,uwurongoye igisata c’abahagarikizi mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yarandikiye umuhagarikizi Jaffari Nduwimana amusaba gutanga insiguro zijanye n’iyo « penaliti » yatanze kuri urwo rukino,uwo arongoye ico gisata akaba yemezako urwo rukino rwavuzweko amajambo menshi kandi afatiye k’ubuhagarikizi.Muri iryo kete,uwukurikirana igisata c’abahagrikizi aremezako babonye amasanamu yerekana uko vyagenze naho imfuruka zose zitaboneka,bikagora kubona neza ikiba cabaye ku rundi ruhande cane cane ko icuma gifata amasanamu cari kimwe.Umuco kuvyabaye vyose,Jaffari Nduwimana yasabwa kuwutanga bitarenze ku musi wa mbere igenekerezo rya 13 Nzero 2020.Gushika isaha 6 z’umutaga wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Nzero 2020,abarongoye Shalom FC bavuzeko batari bwaronke ikopi y’insiguro z’Umuhagarikizi Jaffari Nduwimana.

Umurwi Telaviv FC wari watsinze Shalom FC 2-1, ivyatumye uwo murwi uronka amahirwe yo kuronka uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca 2.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire