Ntivyoroshe ariko vyarakunze.Imirwi ibiri yegukira Ishure ry’Inkino Le Messager ariyo Shalom FC wo mu ntara ya Ngozi na Les Crocos FC wo mu ntara ya Rumonge yarashoboye, kuri uno wa kane, kuronka uburenganzira bwo kuzokina inkino z’igice ca 4 gishira ica nyuma mu nkino zo kurondera kuduga mu cicaro ca 2 ku rwego rw’igihugu.Umurwi Les Crocos wabandanije udashoboye gutsinda urukino na rumwe.Mugihe mu rukino rwo gutangura rwa turu ya mbere Les Crocos wari yanganije na Tamura y’i Makamba 1-1,no mu rukino rwo gusubiriza,habaye ukunganya (2-2),Les Crocos ukaba watabawe nuko washoboye kwinjiza ibitsindo vyinshi ku kibuga ca Tamura i Makamba.Nayo Shalom FC wo wasubiye kunganya na Kayanza City 2-2,bica bituma haba gutera bimwe bita penaliti kugirango batandukanye iyomirwi,Shalom FC yashoboye kwinjiza 3 ku busa bwa Kayanza City,urukino rukaba rwabereye ku kibuga kiri hafi y’ikambi y’abasirikare yo mu Kayanza.Iyindi mirwi yashoboye kubandanya ni AS Vita y’i Muyinga ,Garage Express y’i Gitega,Cankuzo City yo mu Cankuzo,Cenga Boys (Rutana),Talaviv (Bujumbura Mairie) na Saint Basile(Bujumbura Mairie),

Urutonde rw’igice ca 4 gishira ica nyuma :

Kuw’Imana igenekerezo rya 29 Kigarama 2019 :

-Les Crocos FC(Rumonge)-Garage Express (Gitega), ku kibuga Intwari(Bujumbura)

-Cenga Boys (Rutana)-Telaviv (Bujumbura Mairie), ku kibuga Ivyizigiro(Rumonge)

-Acd.Saint Basile (Bujumbura Mairie)-Cankuzo City(Cankuzo),ikibuga Ingoma (Gitega),isaha Indwi n’igice(13h30)

-Shalom FC (Ngozi)-AS Vita (Muyinga),ikibuga Ingoma (Gitega), isaha Icenda n’Igice (15h30).

 

Ikiboneka nuko izo nkino z’igice ca 4 gishira ica nyuma ata gusubiriza bizobabamwo,ninaco catumye izo nkino zizobera ku kibuga kitegukira umurwi n’umwe.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire