Inyuma y’ukwezi kurenga ribanje guhagarara, ihiganwa Primus Ligue 2018-2019 ryaraye ribandanije n’umusi wa mirongo ibiri na kabiri. Messager FC Ngozi ikaba iraye itanze agakemanyi keza ku bakunzi bayo mu gutsinda abavukanyi bayo ba Messager FC Bujumbura ibitsindo bitanu kuri kimwe.

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2019 aho ihiganwa Primus Ligue ryabandanya n’umusi wa mirongo ibiri na kabiri, imigwi ibiri yo muri academie le Messager itana mu mitwe mu rukino rutigera ruba rworoshe kuko abenshi muri bano bakinyi baba bazinanye. Nkuko bayamaze ngo habura babiri hagatsinda umwe, niko vyaraye bigenze muri uru rukino. Urukino rwatanguye isaha icenda ku kibuga Urukundo ca Academie Le Messager kiri mu ntara ya Ngozi.

Agakemanyi keza ku bakunzi bayo

Ni urukino rwa mbere rw’ihiganwa Messager Ngozi ironsemwo ibitsindo vyinshi kuva ihiganwa ritangura. Messager Bujumbura ikaba ariyo yatanguye kuronka igitsindo cinjijwe na Aime Gakiza. Igice ca mbere kikaba carangiye uko nyene. Messager Ngozi yivyukiranije mu gice ca kabiri aho biboneka ko urukino rwaciye ruhinduka cane. Ibitsindo vya Messager Ngozi vyinjijwe na Iddy Museremu (yinjije bibiri), Urasenga Cedric Danny (yinjije kimwe) hamwe na Fataki Ally Intelligent (yinjije bibiri). Urukino rukaba rwarangiye ku bitsindo bitanu kuri kimwe ca Messager Bujumbura (5-1). Bino vyatumye icizere kigaruka na rirya no mu gikombe c’umukuru w’igihugu, Messager FC Ngozi ikibandanya yigenza neza.

Mukibuka ko Messager FC Ngozi wigeze kuba uri mu bibanza bine vya vyuma ivyatumye abatari bake batangura kwibaza nimba itazohava ikoroka. Ariko kubw’intsinzi yaronse, Messager Fc Ngozi ikaba iraye mu kibanza ca kane ikiba atagitsindo yishuzwa canke izigamye n’amanota mirongo itatu n’atatu.

Divin Dushime,
Academie Le Messager.

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire