Ishirahamwe risanzwe ritunganya amahiganwa yo gusiganwa n’imiduga mu Burundi,Club Automobile du Burundi,riraheruka kwemezako ihiganwa ryo gusiganwa n’imiduga ryitiriwe intara ya Ngozi ariryo « Rally de Ngozi » rizoba ku ma genekerezo ya 7 na 8 ukwezi kw’12 uno mwaka turimwo.Mw’ishure Le Messager bamenyeshako imyiteguro iriko iragenda neza,iyo myiteguro ikaba ibera mu ma barabara ari mu kiyaya ca Vyerwa,i Ngozi,kimwe mu bibanza bizoberamwo iryo higanwa ryimirije.

Nkurunziza Joël « Coly », umuyobozi w’ikigo ca Ngozi c’ishure Le Messager avugako bariko barakora ibishoboka vyose kugirango iryo higanwa rizogende neza, akaba yizeye ko  abanyonzi ba Le Messager bazokwigenza neza cane cane ko ihiganwa rizobera mu ntara basanzwe bamenyereye,naho hataramenyekana neza igitigiri c’imodoka zizoserukira iryo shure.

Mw’ihiganwa ryitiriwe ikiyaya c’Imbo « Rallye de l’Imbo » ryabereye i Gihanga mu ntara ya Bubanza mu kwezi kwa kane uno mwaka, abanyonzi b’Ishure Le Messager bakaba bafashe ibibanza vyiza,baravye ubwoko bw’imiduga yari mw’ihiganwa.

Ihiganwa ryitiriwe intara ya Gitega « Rallye de Gitega » ryabereye mu makomine atatu y’intara ya Gitega,mu mpera z’ukwezi kw’8 no mu ntango z’ukw’9 uno mwaka rikaba ritagenze neza ku banyonzi bari baserukiye ishure Le Messager kuko ku modoka 4 zari zaserutse ata n’imwe yashoboye gushika bivuye kw’isanganya hamwe n’ingorane z’ubuhinga.

Nkuko bivugwa n’abajejwe gutunganya iryo higanwa, imodoka zizohiganirwa mu mabarabara yo muri Komine za Busiga na Ngozi.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire