Umusatirizi w’umugwi Flambeau du Centre Yahya Sadiki ageze ku bitsindo 12, aherutse kubabara ikiganza mu myimenyerezo arikumwe n’umugwi wiwe aho bariko bitegurira urukino na Aigle Noir. Uwo mukinyi bikaba biboneka ko yababaye cane aho ikiganza ciwe camvyimvye. Ibi bishobora gutuma uyu musatirizi adaheza ihiganwa kuko risigaje inkino 2 gusa.

Twobibutsa kandi ko hampande yiwe hari abandi bakinyi bamaze ikiringo kinini badakina kubera imvune nka Gildas Manamfasha na Théogène Niyonkuru. Uwundi mukinyi agwaye ni Aboubakar akina hagati mur’uyo mugwi ariko akaba ariko aratora mitende.

Divin Dushime,
Académie Le Messager

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire