Umurwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega uriko urerekana isura itandukanye n’uko ayandi mahiganwa yahora ayigendera na cane cane mu ntango.Mw’ihiganwa rya 2018-2019, ku nkino zitanu za mbere, uwo murwi wari ufise amanota atarenze 4 kuri 15, ni ukuvuga intsinzwi 3, ukunganya incuro 1 n’intsinzi 1. Uwo muvuduko Flambeau du Centre iriko ntishaka kuwuvako.Ni no muri iyo ntumbero umurwi w’abamenyereza (staff technique) waraye waguwe mukuzana umumenyereza w’abanyezamu.Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 09 Nyakanga 2019 niho Méthode Bipfubusa yinjira icese muri uwo murwi, akaba yahora ari umumenyereza w’abanyezamu mu murwi Aigle Noir, umurwi uheruka gutahukana igikombe c’ihiganwa riheruka kurangira.

Imbere yo gukurikirana inyigisho zijanye n’ivyo kuba umumenyereza, Méthode Bipfubusa akaba yarabaye umwanya munini umunyezamu w’umurwi Vital’o,mu yindi mirwi akaba yahakina ibiringo bigufibigufi.

Inyuma y’inkino 5 zo mw’ihiganwa rishasha, Flambeau du Centre iri mu kibanza ca mbere n’amanota 12, ku musi wa 6 uheze uwo murwi watsinze Athletico Academy igitsindo kimwe ku busa (1-0).Mw’ihiganwa riheruka kurangira, umurwi Flambeau du Centre wagiye mu kibanza c’9 n’amanota 37.Umuntu yihweje amanota y’imirwi yakurikiye uwo murwi kuri urwo rutonde,bikabonekako iryo higanwa ritagenze neza nkuko abawurongoye bavyipfuza.

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.lemessagerfc.org (Français)

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire