Umurwi Flambeau du Centre waratsinze bikomeye Ngozi City (5-1) ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 23 Ruheshi 2020, mu rukino rwa 30 ari narwo rwanyuma rw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’icicaro ca mbere mu Burundi.Abinjirije uwo murwi bakaba ari Niyonkuru Karim (2),Juma Mohamed(1),Sadiki Yahya (1) na Barayandema Radjabu(1).

Iyo ntisnzi naho ishimishije ikaba itashoboye gufasha uwo murwi kuba mu mirwi ine ya mbere kuko naho uganya amanota na Aigle Noir canke Burundi Sport Dynamique (yose ifise 48), Flambeau du Centre niwo uja mu kibanza ca 5, aha hakaba hisunzwe inkino zagiye zirahuza iyo mirwi uko ari 3, aho bibonekako Flambeau du Centre ariwo bitagenze neza kuri izo nkino.

Kuja mu bibanza 4 vya mbere kikaba cari cipfuzo  n’intumbero ya Feruzi Haruna amenyereza uwo murwi kuva hagati mu gace ko gusubiriza (phase retour).

Umurwi Flambeau du Centre ukaba watsinze inkino zitarenze 3 mu gace ko gusubiriza mugihe mu gace ko gutangura wari ufise intsinzi 9.

Izindi nkino zose zabaye kuri uno wa 2 :

Les Lierres FC 1-6 Aigle Noir

-Inter Star 1-2 Burundi Sport Dynamique

-Vital’ ô 4-2 Rukinzo FC

-Flambeau du Centre 5-1 Ngozi City

Inkino zo kuri uno wa 3 (Isaha Icenda n’igice, 15h30)

-Musongati FC vs Bujumbura City, ikibuga Ingoma(Gitega)

-Olympic Star vs Messager Ngozi, ikibuga Umuco (Muyinga)

-Lydia Ludic vs Kayanza United, ikibuga Intwari (Bujumbura)

-Bumamuru vs Athletico Academy, ikibuga Urunani (Cibitoke)

 

Ku musi wa mbere abakinyi ba Flambeau du Centre n’abamenyereza b’uwo murwi bakaba bari bagiye kwandika mu gitabo c’iteka co gusezera Nyakwigendera Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza,ari nawe yashinze Ishure ry’Inkino Académie Le Messager.

 

Elysé Niyubahwe

Académie Le Messager

www.ki.lemessagerfc.org (Kirundi)

www.lemessagerfc.org (Français)

Sangiza abandi uciye kuri

Laisser un commentaire